Accueil > Amakuru > Mu makungu > Syria: Aleppo hatowe ibiziga vy’abagandaguwe
Syria: Aleppo hatowe ibiziga vy’abagandaguwe
mardi 29 Nzero 2013
Abaharanira amahinduka bavuga ko benshi mur’ivyo biziga baboneka ko barashwe mu mutwe, kandi baboshe amaboko.
Amasanamu ateye ubwoba yashizwe ku muhora wa internet yerekana igitigiri kinini c’ibiziga, vyatawe mu gishanga, ku nkengera z’uruzi Oueig.
Ivyo biziga vyatowe mu gace ka Bustan Al-Qasr mumuji wa Aleppo, wabereyemwo intambara zikomeye kuva mu kwezi guheze, hagati y’ingabo za Leta n’abayirwanya
Joel Sengurebe
