IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Syria : Igitero c’indege cahitanye impunzi 28

Syria : Igitero c’indege cahitanye impunzi 28

vendredi 6 Rusama 2016, par egide

Abategura ibikorwa vyo kurwanya Reta ya Syria bamenyesha ko igitero c’indege cakozwe kw’ikambi y’impunzi cahitanye abagera kuri mirongo ibiri n’umunani abandi benshi barakomereka.

BBC ivuga ko amasanamu ya nyuma y’ico gitero mu ntara ya Iblid yerekanye abarwanyi bariko barerekana amahema menshi, hamwe n’abajejwe gutabara bariko baraseha ibiziga vy’abacikanye muri ico gitero bitaramenyekana uwoba yagikoze uwariwe.

N’aho uwakoze ico gitero ataramenyekana, indege z’ingwano za Reta ya Syria ziramaze gutera intara ya Idlib mu ndwi ziheze, izo ngabo zikaba zariko zigerageza guca intege abarwanya Reta bigaruriye ico gisagara.

Amakungu yiyamirije ico gitero, ibiro vy’umukuru w’igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika bikaba vyamenyesheje ko ata nsiguro n’imwe yobaho yo gukora ibitero nk’ivyo ku banyagihugu b’impunzi.


IGIHE

Messages

  • Uwomutama Nareke Abandi Batware Kugira Natwe Dutware .

  • Akeneye Ko Twese Duhona Asigare Wenyene. Obama Narungike Abasirikare Mu Burundi .

  • Obama,Obama,Obama we!! reka abana b’Imana bibereho kuko siwewe wabashize kwisi,iyuriko ubona ibiziga vya bantu bo muri siriya libie Burundi pakistani,sudani,nahandintabwoba ugira?ukazova kubutegetsi umenye ko atanuwuzoguha akazi ko kwimba twalete muri afrika rindira! IMANA ishimwe Umutama wacu NKURUNZIZA yarakunaniye kukugusenga kwiwe,aho gasha obama urazi ko agateka warufise ugishika kubutegetsi?ubu usigaye urakayabu kubera ubwicanyi wagiriye afrika,wirigwa urungika Pielo ngo atanguze ibiganiro,ubu turiko turaca ubwenge muri afrika uwuriko atuvangira nakantu gapima ibiro 15 ,nikande? oooooh "KAGAME"

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.