IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Syrie : Urucanco rwishe abana 15 bivuye kugusamara kwa baganga

Syrie : Urucanco rwishe abana 15 bivuye kugusamara kwa baganga

vendredi 19 Nyakanga 2014

Abana cumi na batanu barapfuye, inyuma y’uguhabwa urucanco rw’indwara y’agasama, mu ruganda rwabaye muri iy’indwi rukozwe n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi mu ntara ya Idleb, mu Buraruko bwa Syrie. Urwego rwogutohoza rwashizweho na Reta mfatakibanza rukamenyesha ko abo bana bahawe umuti usinziriza ukaze (un puissant anesthésiant) mugishingo c’urucanco rw’agasama.

Uruganda rwo guncanca rukaba rwatanguye kuri uyu wambere mu mazone ya Idleb, abana ibihumbi 40 000 akaba aribo baronse urucanco uyo munsi atankomanzi. Ku munsi wa kabiri, inyuma y’urukurikirane rw’incanco mutundi ducimbiri, abana 15 nibo bapfpuye.

Bashar Kayal, umwe mu baganga bashinzwe urwo ruganda rwo gukinga iyo ndwara y’agasama, akavuga ko abateye urucanco, abo bana bapfuye, bataravye neza icandistwe cerekana umuti uwariwo bagire babatere kuko bari kubona ko uyo muti ataruwo gucanca.

Bashar Kayal agasigura ko urucanco rw’agasama, imbere yo kurutera abana, babanza kuvanganya umiti ibiri, umwe umeze nk’ifu hamwe n’uyundi umeze nk’amazi. Bakaba batoye uducupa turimwo umuti bakoresha mu gusinziriza abagire babarwe (fioles d’atracurium), ariwo bavanze n’umuti w’urucanco (wa muti umeze nk’ifu) mu gishingo ca wa muti umeze nk’amazi wategerezwa gukoreshwa. Abo bana bapfuye bakaba bari bafise hagati y’amezi 6 gushika kuri 18.

Umunganga Bashar Kayal akavuga ko abateye urwo rucanco bahagaritswe n’igiporisi, bakaba bafungiwe ahitwa Jarjanaz, barindiriye ugucibwa urubanza kandi ko hasigaye kumenya ko vyakozwe mu ntumbero z’ubugizi bwanabi canke kwabaye ugusamara.

Iryo bara rikikaba ryateye uruhagara mu bategetsi batavuga rumwe na Reta, umushikiranganji w’amagara y’abantu n’abo bakorana baciye batanga imihoho k’uwurongoye leta mfatakibanza.


Nadege Irakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.