IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Texas: Abatunze ibirwanisho bahawe uburenganzira bwo kubitwara ku (...)

Texas: Abatunze ibirwanisho bahawe uburenganzira bwo kubitwara ku mugaragaro

samedi 2 Nzero 2016

Reta ya Texas muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika yatanze ububasha bwo guutwarira inkoho ku mugaragaro kuri abo bose bazitunze babifitiye uburenganzira.

Mu gihe umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika Barack Obama wewe yategekanya gusohora itegeko rigabanya ibirwanisho biri mu banyagihugu, Reta ya Texas yafashe ingingo yo kurekurira ababitunze babifitiye uburenganzira kubitwarira ku mugaragaro.

Itegeko ryo gutwarira ibirwanisho ku mugaragaro ryasohotse kuwa gatanu igenekerezo rya 1 Nzero 2016,ariko rigasaba ko ishengero,ishuri canke ahakorerwa ubudandaji badashigikiye iyo ngingo kubimenyesha.

Iyi ngingo ikaba itazokworohereza umukuru w’igihugu n’abajejwe kurwanya ibirwanisho kuko bidasaba kuba muri Texas kugira utwarire ikirwanisho ahabona,ariko ko uwari we wese yinjiye muri Texas ashobora kugitwara.

Ashikiriza ijambo ry’umwaka mushasha Barack Obama yavuze ko ico azoshira imbere mu mwaka w’2016 ari kwitaho cane ama dosiye ajanye n’amabi yakozwe bivuye ku birwanisho bicira umuriro.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.