Haheze imyaka itatu Meddy, The Ben, K8 n’abandi banyarwanda bagize Press One Ent ikorera muri Amerika baba muri ico gihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika. M misi iheze, batangaje ko bariko bitegura kuza mu gihugu cabo c’u Rwanda gusa ntivyahaye icizero abakunzi babo kuko vyamaze igihe kininiya bivugwa.
Kugeza ubu vyamaze kwemezwa ko bagiye gutangura ibiteramo hama bakazobihereza i Kigali.
Mu kiganiro catanzwe n’umwe mu bagize Press One Entertainment ari nayo aba baririmvyi babarizwamwo, yatangaje ko Meddy, The Ben, K8 na bagenzi babo bagiye gutangura ibiteramo(Tour) bise Ndi uw’i Kigali Tour.
Ivyo biteramwo bizotanguzwa ku mugaragaro kw’igenekerezo rya 6 Mukakaro 2013, bikazotangurira muri Leta ya Arizona yo muri Amerika. Ivyo biteramo kandi bizobandanyiriza mu bisagara bitandukanye vyo muri Amerika, mu gisagara ca Bujumbura hanyuma bisozerezwe mu gisagara ca Kigali ari naho abo baririmvyi bashize umutima cane kurusha ahandi.
Medd asigaye mbere azi gucuraranga gitari, The Ben nawe inanga(Piano) asigaye ayicuraranga iyo agiye kuririmba.
Umwe mu bagize Press One yashikirije ko bataramenya neza itariki bazoshikira i Kigali kuko bizovana n’ingene ibiteramo vyo muri Amerika vyihuse.
Ku bijanye n’uko ivyo biteramo bizakorwa n’aho bizobera bagize bati: “Bizotangurira Arizona, bikomereze Texas, Washington, Chicago, Canada, Belgium(Ububirigi), Burundi, hanyuma duhereze i Kigali”.
Mu giteramo bazakorera mu mu gisagara ca Kigali, aba baririmvyi baripfuza ko kwinjira vyazogirwa ku buntu ku buryo hazoza igitigiri kinini c’abakunzi b’umuziki w’Urwanda, bikazovana n’ingene bazoba bakoranye n’ababafasha hamwe n’abariko barafasha gutegura ivyo biteramo.
Twokwibutsa ko Press One ikorera muri Amerika, ikaba ifise icicaro mu gisagara ca Chicago. Bamwe mu bayigize ni Lick Lick, Meddy, The Ben, K8 Kavuyo, Producer Cedru, Uncle Austin n’abandi batandukanye .

Murahw?Abobahanz Nanrye Ndabakund Saana.Nn Bazoz Ryar Muburundi?Turabashak Knd Turabakumbuy.Big Up Sana.