IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umugwi > The Best Friends of God > Inkuru > The BFG uriko utegura igiteramo c’imponjo y’urukurikirane rwa mbere (...)

The BFG uriko utegura igiteramo c’imponjo y’urukurikirane rwa mbere rw’umurwi

mardi 15 Gitugutu 2013

Umurwi The Best Friends of God uriko uritegurira ku remesha igiteramo. Igiteramo kigamije gutanga imponjo ku rukurikirane uwo murwi watanguye gukora mu nzu y’ubuhinyanyuzi bw’umuziki. Uwo murwi ahanini ukora umuziki aurimwo amajwi gusa watanguye gukora urukurikirane rwa mbere rw’indirimbo zawo.

Umurwi The Best Friends of God (The BFG) uriko uritegurira ibikorwa bibiri bihambaye: ukuremsha igiteramo no gukora urukurikirane rwa mbere rw’uyo murwi. Nko twabibwiwe na Nimubona Jackson batazira Fiston, umwe mubagize The BFG, ico giteramo kizoba ari ico guhonja abakunzi b’umudiho w’uwo murwi ku rukurikirane ruriko rurakorwa. Umudiho ugizwe n’amajambo y’Imana ashingiye ku guhumuriza imitima y’abantu. “…kandi azoba ari n’ihumure muri iki gihe hariho abantu benshi bihebuye”, Fiston akaba ariyo ntumbero yindi y’ico giteramo yatumenyesheje.

Iyo mponjo y’urukurikirane rw’umurwi The Best Friends of God ikaba izo igizwe n’indirimbo zitatu ziri mu rukurirane ruriko rurakorerwa mu nzu y’ubuhinyanyuzi bw’umuziki IKH Multiservice. Urworukurikirane rutaratorerwa neza na neza izina ruzohabwa, ruzoba rugizwe n’indirimbo 11. Indirimbo ahanini zishimikiye kw’ijambo ry’Imana rihumuriza imitima y’abantu. Izo ndirimbo zikazoba zirimwo ahanini igicurarangisho gikuru c’umurwi “ijwi”.

The Best Friends of God ni umurwi uva he? Ugeze he?

Umurwi The BFG wavutse mu 2005, utanguzwa n’imiyabaga y’abahungu 10. Ico gihe iyo miyabaga ikaba yari mu murwi w’abana b’abaririmbiramana witwa “Maserafi”. Umurwi wo mw’ishengero FECABU Nyakabiga. Abo cumi bari bafise imyaka iri hagati ya 14 na 16. Inyuma y’igisabisho iciyumviro co kugira umurwi caje muri umwe maze umurwi uca ubaho bidatevye. Ku munsi w’ubunani mu 2006, umurwi The BFG, wahawe akanya ko kuririmbira abari mw’ishengero. Baririmbana ubwoba kubera ryari irya mbere baja imbere y’abantu, ariko abantu barakunze cane uko baririmvye, banabahunda n’ikanoti. Ako kanoti baca bagakoramwo ururirimbo rwa mbere rw’umurwi rwitswe “Ntayindi nkawe”.

Umurwi The Best Friends of God watanguye kuja mu giteramo hanze y’ishengero ukomokamwo mu 2009. Uwo mwaka bakaba bahuriye kuri Odéon Palace n’imirwi nka Divine Glory, G. Life ( Gospel Life), Maradufi ya Ushindi na Victory. The BFG watanguye uririmbira ku bicurarangisho wavugirizwa n’abandi batari mu murwi. Ariko kubera ingorane yo kwama baronka ababavugiriza ibicrarangisho , The BFG wahisemwo kuririmba n’amajwi gusa. Indirimbo ya mbere ya The BFG iririmbwe n’amajwi gusa ikaba yabaye “Ntwangoja”, yasohotse mu 2009.

Uwo murwi ukaba wagiye mw’ihiganwa Sing Halleluya ryabaye mu 2010, ariko witavye iryo higanwa kw’izina ry Divine Glory kuko uno, abaririmvyi bawo batari hafi ngo baje muri iryo higanwa. The BFG kw’izina Divine Glory waciye uba uwa mbere muri iryo higanwa ryarimwo abaririmvyi n’imirwi iririmba indirimbo za gospel. Kuva ico gihe, The BFG waciye uza uraronka ubutumire bwo kuja kuririmba mu mashengero atari make. Mu 2012, aho umurwi wari ukwije imyaka 6 ubayeho, The BFG wakoranije abantu mu giteramo. Uwo mwaka nyene, umwe mu bagize umurwi, Patient Matabaro yaciye ava mu muri uwo murwi.

Mu ntango w’uyu mwaka turiko turarangiza, The BFG waragiye mu Rwanda, aho wakunzwe cane. Uyu munsi, umurwi The Best Friends of God ubu akaba ugizwe n’imisore 6.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.