IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umuhinyanyuzi > Théogene "Bosebabireba" na Digital Gospel Studio biteguriye gukorana

Théogene "Bosebabireba" na Digital Gospel Studio biteguriye gukorana

jeudi 26 Nyakanga 2013

“Digital Gospel Studio” ni inzu itunganya umuziki ku baririmvyi baririmba indirimbo zo guhimbaza Imana bavuye hirya no hino. Umuririmvyi Theogene Uwiringiyimana "Bosebabireba", inyuma yo gushima ingene ubwo buhinyanyuriro bufasha abaririmvyi baririmba indirimbo zihimbaza Imana, yahisemwo nawe kuzohasohorera indirimbo ziwe zibiri.

Nk’uko Ntakirutimana Thaddée, nyene ubuhinyanyuriro "Digital Gospel Studio" yabimenyesheje, bamaze ikiringo c’umwaka bahinyanyura indirimbo zo guhimbaza Imana gusa, kandi bagerageza gukora ibishoboka vyose kugira bateze imbere abaririmvyi, haba mu kugabanya ibiciro mbere no muguha impanuro zitandukanye umuririmvyi, imbere yuko aririmba.

Théogene Uwiringiyimana akigera mu Kigobe yagize ati : "Kuba mwubaha Imana kandi mugakora igikorwa nk’iki Imana ntizobura kubibahembera, kuko birakenewe ko haboneka abantu biyumvira nk’ibi bakanabikora. Ivyo ndabivuga ndabitewe n’ubuhinga mukorana kandi mugashira ku giciro gito gishoboka."

Kuva aho Théogene yumviriziye zimwe mu ndirimbo bakoze nk’iyitwa "Uri igikomangoma Yesu" y’umuririmvyi Denny wo mu Burundi, yaciye afata ingingo yo kuhakorera indirimbo zibiri harimwo iyitwa "Warakoze" n’iyindi yitwa "Nyiringabo".
Uwiringiyimana Théogene yaboneyeho akanya ko kumenyesha abakunzi biwe ko ariko arabategurira urukurikirane rushasha, akaba agiye gusubiramwo indirimbo yise "Icifuzo" benshi bitirira icitabirizo cayo "Bosebabireba". Urwo ruririmbo ashaka gusubiramwo azoruririmbana n’uwundi muririmvyi azwi cane n’abakunzi b’indirimbo z’Imana "Rose Muhando" wo mu gihugu ca Tanzaniya .


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.