Incamake

Thierry Henry, umukinyi w’amareresi

Yanditswe na Lorene Nubwabo
Kuya 26 Kigarama 2014 saa 03:40
16050
0 0

Uwahoze ari umukinyi w’umupira w’amaguru Thierry Henry yatanguye uwundi mwuga wo gukina amareresi. Thierry Henry akaba yitezwe gukina mw’ireresi yitwa "Entourage".
Haraheze imisi, Thierry Henry avuze abicishije ku rubuga rwiwe rwa facebook ko ahagaritse urukino rw’umupira w’amaguru. Thierry Henry akaba yari amaze imyaka 20 irenga akina umupira w’amaguru mbere akaba yaratsinze yarafashije imirwi yagiye arakinira gushika ku ntsinzi yaba mu mahiganwa asanzwe hamwe no mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi (...)

Uwahoze ari umukinyi w’umupira w’amaguru Thierry Henry yatanguye uwundi mwuga wo gukina amareresi. Thierry Henry akaba yitezwe gukina mw’ireresi yitwa "Entourage".

Haraheze imisi, Thierry Henry avuze abicishije ku rubuga rwiwe rwa facebook ko ahagaritse urukino rw’umupira w’amaguru. Thierry Henry akaba yari amaze imyaka 20 irenga akina umupira w’amaguru mbere akaba yaratsinze yarafashije imirwi yagiye arakinira gushika ku ntsinzi yaba mu mahiganwa asanzwe hamwe no mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose. Thierry Henry yamenyesheje ko anezerejwe n’ukubona agiye gutangura akandi kazi i Londres, aho azoba ari umuhinga w’ivy’inkino ku mboneshakure "Sky Sports" yo mu Bwongereza. Abantu bakaba babifashe nk’ibisanzwe kubera kenshi bamenyereye kubona ko iyo umukinyi w’umupira w’amaguru ahagaritse umupira kenshi aca akora akazi k’ubumenyereza canke akaguma mu gisata co kwinonora imitsi.

Thierry Henry akaba yatangaje abantu benshi mu gihe yavuga ko agiye gukora no mu kindi gisata co gukina amareresi, akaba yabivuze abicishije ku rubuga rwiwe rwa facebook. Tubibutse ko uwo mukinyi yigeze kubonekaakinana n’umukinyi w’amareresi azwi cane yitwa Jamel Debbouze, ubu naho Thierry Henry akaba yiteguriye gukina ireresi yitwa "Entourage". Abantu benshi, cane cane abakunzi b’umukinyi Thierry Henry bakaba biteze n’igishika iyo reresi. Iyo reresi izosohoka igenekerezo rya 5 Rusama 2015.


Kumenyekanisha

1
elvis Davis ka 28-12-2014 à 20:29

None ko ahagaritse akibishoboye!naramanka yambaye umwambaro wa ekipe yubufaransa

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha