IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Tirikiya: Babiri bikekwa kugira uruhara mu bitero i Paris bahagaritswe

Tirikiya: Babiri bikekwa kugira uruhara mu bitero i Paris bahagaritswe

jeudi 17 Kigarama 2015

Igipolisi c’igihugu ca Autriche carahagaritse abagabo babiri bikekwa kugira uruhara mu bitero vyabaye ku murwa mukuru w’Ubufaransa Paris kw’igenekerezo rya 13 Munyonyo 2015.

Abo bagabo bahagaritswe kw’igenekerezo rya 10 Kigarama 2015 umwe ava mu gihugu ca Algeriya uwundi muri Pakistani,bari mw’ikambi y’impunzi bafise impapuro za magendo z’igihugu ca Siriya.

Amakuru ava muri parike ya Salzbourg aho bariko barabarizwa amenyesha ko boba binjiye mu gihugu ca Autriche baciye mu gihugu c’Ubugiriki imbere y’uko babandanya kwifatanye n’umurwi wa Etat Islamique.

Ubufaransa bwaramaze kurungika abaja kubabaza.Mu gihe vyoboneka ko bafise uruhara mu bitero vyabaye i Paris,bitegekanijwe ko Ubufaransa buca busaba ko bajanwa muri ico gihugu.


Van Naris Mugisha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.