Tom Malinowski, icegera c’umunyamabanga wa Amerika ajejwe igisata c’agateka ka zina muntu, hamwe n’intwaro rusangi amenyesha ko ubutegetsi bw’Uburundi bwari bukwiye kwihutira kwitaba ibiganiro n’abatavuga rumwe nabwo, kugira ubwicanyi n’ipfungwa ry’abantu bihagarare. Uwo mutegetsi asaba ko ubutegetsi bw’Uburundi bworeka gutakaza umwanya w’ukuja mu biganiro.
Mu rugendo yari amazemwo iminsi ibiri mu gihugu c’Uburundi, Tom Malinowski, icegera c’umunyamabanga wa Amerika ajejwe igisata c’agateka ka zina muntu, hamwe n’intwaro rusangi yabonanye n’abategetsi batandukanye b’igihugu c’Uburundi, harimwo umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, hamwe n’abaserukira amashirahamwe atandukanye adaharanira ivyicaro vya poritike.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa gatandatu inyuma y’urwo rugendo, Tom Malinowski yamenyesheje ko yaje mu Burundi kubandanya igikorwa ca Reta zunze Ubumwe za Amerika n’amakungu, co kurondera ko haba ibiganiro atawe bikumira bihagarikiwe n’amakungu kugira ibibazo vy’Uburundi bitorerwe inyishu, akaba yibukije ko Reta y’Uburundi imaze kwemera ibintu vyinshi ariko igihambaye akavuga y’uko ari ukubishira mu ngiro.
- Tom Malinowski, icegera c’umunyamabanga wa Amerika ajejwe igisata c’agateka ka zina muntu, hamwe n’intwaro rusangi
Tom Maliwoski yaneguye imvugo zibiri zikoreshwa, aho Reta y’Uburundi ibwira amakungu ko ishigikiye ibiganiro kandi izobijamwo, ariko ikabwira igihushane abanyagihugu bayo ko ibiganiro vyamaze gutangura kandi bizobandanya bibera mu Burundi.
Tom Malinowski, icegera c’umunyamabanga wa Amerika ajejwe igisata c’agateka ka zina muntu, hamwe n’intwaro rusangi yakebuye Reta y’Uburundi, ayibwira ko itokwibaza ko iriko iratakaza umwanya w’amakungu, ahubwo Reta imenye ko iriko itakaza umwanya wayo bwite, akavuga n’ibihano bitandukanye bibandanya gufatirwa Reta kuko yerekana ingendo y’ugukwega amaguru mu gutora umuti w’ibibazo biri mu Burundi.
Reta Yibujumbura Nta Bwo Izokwigera Yitaba Ibiganiro Kuko Intumvaziri Mu Burundi Ninyishi