Accueil > Amakuru > Mu makungu > Turkiya : Abashatse guhirika ubutegetsi babandanya kuronderwa
Turkiya : Abashatse guhirika ubutegetsi babandanya kuronderwa
lundi 18 Mukakaro 2016, par
Abategetsi bo muri Turkiya bari mu gikorwa c’ukurondera mu bigo vya gisirikare mu gihugu hose abashigikiye igikorwa caburijwemwo co guhirika ubutegetsi, kuri uwu wa gatanu.
Ni muri urwo rwego, umwe mu bayobozi b’igisirikare n’abandi basirikare 50 batawe muri yompi mu gisagara ca Denizli.
Gushika ubu abasirikare bamaze gutabwa muri yompi baharurwa mu bihumbi, nayo abacamanza hafi ibihumbi bitatu birukanwe mu kazi.

Umukuru w’igihugu Recep Tayyip Erdogan yavuze ko inama nshingamateka iziga namba hojaho igihano c’ugupfa.
Abatawe muri yompi bagirizwa kuba abayoboke b’umuvugabutumwa aba muri Amerika, yitwa Fethullah Gulen, uwo nawe Reta ikaba imwagiriza kuba yari inyuma y’uwo mugambi wo guhirika ubutegetsi waburijwemwo, ariko akaba abihakana.
Reta zunze ubumwe za Amerika zasavye Turkiya kwubahiriza amategeko mu maperereza ajanye n’ico gikorwa co kugerageza guhirika ubutegetsi.
IGIHE
Messages
18 Mukakaro 2016, 21:58, par Nsengiyumva
Mujri Nimuhash Izontumva
21 Mukakaro 2016, 10:16, par Elie
MURI BOSE NINDE ADAFISE ICO IMANA IMWAGIRIZA!