Accueil > Amakuru > Mu makungu > Turkiya : Igitero c’abihevyi cahitanye abantu 36
Turkiya : Igitero c’abihevyi cahitanye abantu 36
mercredi 29 Ruheshi 2016, par
Umushikiranganji wa mbere wa Turkiya, Binali Yildirim yateye akamo amakungu ko bogira ubumwe, inyuma y’aho igihugu ciwe kiburiye abantu 36 mu bitero vy’iterabwoba vyabaye kuri uwu wa kabiri, ku kibuga c’indege mpuzamakungu c’i Istanbul.
Binali Yildirim yavuze ko ku mugoroba wo kuri uwu wa kabiri, abihevyi batatu bashitse kuri ico kibuga c’indege bari mu modoka ya tagisi baca batangura kurasa amasasu mu nyuma baca biturikirizako amabombe babonye igipolisi kibegereye.

Amenyesha ko abatari bake bakomeretse bamwe bakaba bababaye cane. Amakuru abategetsi batangaje ubwa mbere bavuze ko abantu 147 aribo bakomeretse.
Nta n’umwe aremenga ico gitero. Ariko umushikiranganji wa mbere Binali Yildirim yari yatangaje ko ata bandi vyagirizwa atari umuhari wa Reta ya Kiyisilamu.
IGIHE
Messages
3 Mukakaro 2016, 06:59, par M
Turahojeje imiryango ya buriye ababo mwico gitero cabo babisha,imana ibakire mubwami bwayo.