Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Turkiya: Umugwi w’Abamarxiste wariyitiriye igitero ca bombe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Turkiya: Umugwi w’Abamarxiste wariyitiriye igitero ca bombe

Turkiya: Umugwi w’Abamarxiste wariyitiriye igitero ca bombe

dimanche 3 Ruhuhuma 2013

Umurwi w’Aba Marxiste, mu gihugu ca Turkiya wariyitiriye igitero ca bombe c’umwihevyi cagizwe ku musi wa gatanu kuri Ambassade ya Amerika ku murwa mukuru w’igihugu ca Turkiya Ankara cahitanye umunya Turkiya yararira iyo ambassade.

Mw’itangazo ryashizwe kuri internet ejo ku musi wa gatandatu umurwi “Revolutionary People’s Liberation Party Front, mu mfunyapfunyo DHKP-C, wavuze ko Amerika ari igihugu kigandagura abantu kw’isi.

Uwo murwi watangaje kw’umwe mu bagwanyi bawo yagize igikorwa c’ukwitanga. Uwo murwi wavuze kw’uwagize ico gitero ca bombe kuri ambassade ya Amerika yitwa, Alisan Sanli, ukaba warerekanye ifoto yiwe afise ibigwanisho.

JPEG - 11.2 ko

Amashirahamwe ajejwe gutangaza amakuru, mu gihugu ca Turkiya, yatangaje kw’abategetsi bafashe abantu batatu, ku bijanye n’ico gitero. Amakuru atangazwa avuga kw’abo bantu batatu bapfunzwe n’igipolisi, mu bikorwa vyagizwe mu bisagara vya Ankara na Istambul.

Ku musi wa gatanu abategetsi b’igihugu ca Turkiya batangaje ko biketse umurwi w’Aba Marxistes DHKP-C, ku vyerekeye igitero ca bombe cagizwe kuri Ambassade ya Amerika.

Amerika n’ishirahamwe ry’ibihugu vy’i Bulaya, vyatangaje kw’umurwi DHKP-C ari umurwi ugira iterabwoba. Uwo murwi urwanya bikomeye uruhara rwa Amerika ku vyerekeye politike yo hanze y’igihugu ca Turkiya, ubonwako wagize uruhara mu bitero bitari bike vyihaye inkumbi, mu kiringo c’imyaka itari mike irangiye.


Jean de Dieu Munyembabazi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.