Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
UA imenyesha ko yiteguye gushigikira ibiganiro bizobera i Arusha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > UA imenyesha ko yiteguye gushigikira ibiganiro bizobera i Arusha

UA imenyesha ko yiteguye gushigikira ibiganiro bizobera i Arusha

mardi 29 Kigarama 2015

Umukuru w’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika arakeza impande zose kuba zaritavye ibiganiro vyabereye i Entebbe mu Buganda,akamenyesha kandi ko ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ryemeza ko ibiganiro atawe bikumira kandi vyisunga iyubahirizwa ry’amasezerano ya Arusha n’ibwirizwa nshingiro arivyo bishobora gutorera inyishu ikibazo ca politike mu Burundi.

Mw’itangazo ry’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ryo kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 29 Kigarama 2015, umukuru w’iryo shirahamwe amenyesha ko ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ryiteguye gushigikira ko ibiganiro bibandanya bikaba bitegekanijwe kubera mu gisagra ca Arusha mu gihugu ca Tanzaniya.

Muri iryo tangazo,umukuru w’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika yibutsa ko mw’itangazo ryo kuwa 17 Kigarama 2015,inama y’amahoro n’umutekano yafashe ingingo ko abatuma haba umutekano mu gihugu canke bagatuma hataba ibiganiro azofatirwa ibihano.

Umukuru w’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika Nkosazana Dlamini Zuma amenyesha ko babandanya kugiriranira ibiganiro na Reta y’Uburundi ku nzira vyocamwo kugira harungikwe abasirikare b’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika bo mu rwego rwa MAPROBU.

Ku bijanye n’irungikwa ry’abasirikare bo mu rwego rwa MAPROBU,Umukuru w’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika Nkosazana Dlamini Zuma amenyesha ko irungikwa ry’abasirikare bo mu rwego rwa MAPROBU bazofasha mu gushiraho icuka ciza kizotuma haba ibiganiro bihuza abarundi.

Mu kurangiza,umukuru w’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika arashima ko inma y’umutekano ya ONU yamenyesheje mw’itangazo ryo kuwa 19 Kigarama 2015 aho basavye impande zose gukorana na MAPROBU mu gushira mu ngiro igikorwa cayo.

Iryo tangazo ryasohotse inyuma y’amasaha make hatangujwe ibiganiro bihuza abarundi,ibiganiro vyitabwe n’urunani CNARED rwishinze gukingira amasezerano ya Arusha na Reta ishingiye ku mategeko.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Urakoze leta yuburundi kwitaba ibiganiro.abarundi bose bipfuza amahoro.nimwebwe babyeyibabo.barabire ikibereye ntibagure kwicwa ninzara ,indwara nisi yaze hanyuma bicwe ninkoho batazi ico bbazira.

  • Turashima ko Ibiganiro vyuguruwe Mugabo tusaba cane Union Africaine kurungika
    vuba cane Inteko zuguhagarika Ubwicanyi buriko bugigwa na Leta ya Nkurunziza
    Union Africaine nitabare ningoga abarundi kuko baragowe cane Ndasubiye kutakambira Union Africaine turiko turabaririra kuko atawundi tufise turirira

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.