Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ububirigi : Ibisasu bibiri vyatewe ku kibuga c’indege i Zaventem
Ububirigi : Ibisasu bibiri vyatewe ku kibuga c’indege i Zaventem
mardi 22 Ntwarante 2016, par
Abantu cumi na batatu nibo bamaze kumenyekana ko bitavye Imana hamwe n’abandi benshi cane bakomeretse, mu bitero vy’ibisasu bibiri vyabaye ku kibuga mpuzamakungu ca Zaventem kiri mu gisagara ca Brusselles mu gihugu c’Ububirigi, nk’uko bimenyeshwa n’igiporisi c’Ububirigi.
Ivyo bisasu vyatewe nk’igihe c’isaha zibiri z’agatondo kuri uwu wa kabiri, mu kibanza abarindiriye gufata indege baba barimwo. Ntibiremezwa canke bihinyuzwe ko yoba yari igitero c’abihevyi.
Abategetsi b’igihugu c’Ububirigi bakaba basavye abanyagihugu kwirinda kuja kuri ico kibuga c’indege gushika bahawe itegeko rishasha.

Umushingamateka Georges Dallemagne asanzwe yari kuri ico kibuga c’indege guherekeza umupfasoni wiwe yagira yurire indege, amenyesha ko abakomeretse benshi baguweko n’ibibomoka vy’ibiyo n’ibindi.
Ingenzi zari aho ku kibuga c’indege zaciye zijanwa mu bindi bibanza, ikibuga c’indege ca Zaventem kikaba cugawe, n’amabarabara yose aja kuri ico kibuga c’indege akaba yugawe.
IGIHE
Messages
22 Ntwarante 2016, 11:22, par PROSPA
NDAHOJEJE ABABIRIGI BOSE.BIHANGANE KANDI BASUBIREMWO INGENE BACUNGERA UMUTEKANO WIGIHUGU.
22 Ntwarante 2016, 11:28, par eric
bujumbura is peacefull than brussels ,we can welcome you as refugees in burundi while you negociate with abdullah
22 Ntwarante 2016, 12:09, par tari
Ayo niyamatangazo Gelase ndabirabe agizimisi asohora kugihugu c’ububirigi bararaba neza
22 Ntwarante 2016, 12:22, par Jules Nijimbere
People hav to know that they are under the sun.Things fall apart.Belgian said that in Burundi,there Is no security.They take burundian authorities as incapable.now you see what happen in belgic,which doesn’t happen in burundi.<BELGIANS,CHANGE YOUR MIND,BECAUSE EVERYDAY IS NOT SUNDAY>
22 Ntwarante 2016, 12:30, par Rusakumba
Ababirigi nibihangane. Ahubwo nibakomeze umutekano wabo nkuko natwebwe turiko turabikora ngah’iwacu mu Burundi. Erega baramenya y’uko abo bagizi banabi ko ataho bataniye na ba Sindumuja. Ahubwo nibamufate mu mugongo NKURUNZIZA kugirango bahashe neza abo bihevyi bababangamiye m’ukwica inzirakarengane.
22 Ntwarante 2016, 12:43, par Jean Viza Pierre
Ububirig Turabuhojej Nibwihangan.V.z
22 Ntwarante 2016, 13:24, par Nejad
Ndahojeje imiryango yabuze
22 Ntwarante 2016, 14:03, par manzi
Rusakuza ivyahandi munyaruka kubimenya ngaho dushirireko nivya Darious
22 Ntwarante 2016, 14:10, par None?
Ndihanganishije imiryango yabuze nubwo ndabizi bibabitoroshe.
Twebwe ngaha Burundi inyungu irimukutwica kubera abacu bishwe nkukwo vyakozwe mu Bubiligi ariko twebwe itandukaniro dutandukaniyeho nu Bubirigi nabantu dutunze mugihugu cacu bategura abashiramungiro ivyogutera amabombe abenegihugu bu Bubiligi.
Ariko twebwe abategura abantu bokutwica biyicariye mu Bubiligi noneho abashiramuburyo ubwicanyi muburundi bagatunganirizwa mu Rwanda, maze u Bubiligi bwabona ibimanyu ryimibiri yabarundi yamanyaguwe namabombe yatewe naba mujeri ahokuduhoza canke kutwihanganisha baca batubwirango nimujemubiganiro bitarobanura bisigura kobababavuze konabo bategura abanduterara amabombe aribo bababariko barasubira imigisha! Noneho bumvako gutera amabombe komituma Ububiligi buboneraho akaryo kukubwira reta yuburundi kugiriranira ibiganiro nabariko baratera amabombe noneho abategura uburyo bwoguha abatera amabombe bakacabivayo kukobumvise bicabituma bagiriranira ubucuti bukomeye nu Bubiligi kukobateye amabombe, mwiy’Isi ntahari amahoro %
NDASAVYE RETA YUBURUNDI ITANGAZE KO IHOJEJE IMIRYANYO YABUZE ABABO COKIMWE NIGIHUGU CU BUBILIGI TUBEREKE KOTUBASUMVA UBUMUNTU MUGISHINGO CAHO RETA YU BUBILIGI IYOTWEBWE TWICIWE ABACU AHOKUTWIHANGANISHA BASEMERERA BACUGANGOTUJE MUBIGANIRO. RETA YUBURUNDI RERO NIYIHANGANISHE ABABIRIGI NAKARE AMABI DUKORERWA NA RETA YU BUBIRIGI HARIHO ABATARIBAKE MU BUBILIGI NABO BIBABABAZA NICOKIMWE NOMU RWANDA RETA IVYIKORERA ABARUNDI ABANYARWANDA BESHI NTIBABISHIMA.
22 Ntwarante 2016, 14:38, par ninja
nibarungikeyo maprobu
22 Ntwarante 2016, 16:22, par Kanyosha
Mububiligi nihategurwe ibiganiro bidakumira umuntu numwe kuko ababiligi bararushe. Ikindi ububiligi burasabwa kwemera abasirikare mvamagungu zijayo gukingira abenegihugu ndabisavye nshimitse kandi birasabwa ko bababishuye bitarenze amasaha 96
22 Ntwarante 2016, 16:45, par solo
Uyoni ngurunziza amafaranga abacangero biboneke nabo atamutekano bafise ababirigi urakubura mumukoreko
22 Ntwarante 2016, 17:01, par HAMADI
NIBARUNGIKEYO ZANTEKO NONE?
22 Ntwarante 2016, 17:02, par HAMADI
NIBARUNGIKEYO ZANTEKO NONE?
22 Ntwarante 2016, 17:05, par HAMADI
NIBARUNGIKEYO ZANTEKO NONE?
22 Ntwarante 2016, 18:49, par Jewe
Erega none bamwe mubatanga commentaires mwahindutse nk’abasazi! Inkuba irashe ntukavuge ngo twara umwasi kuko n’umukunzi vyojana. Kandi ngo rutwaye abandi rutakwibagiye. Ntukanezerererwe ivyago vy’uwundi kuko Imana itobura kubiguhanira. Hindura ingendo vuba mureke ubwicanyi!
22 Ntwarante 2016, 21:37, par Mpore
Ababirigi babwirizwa kugiranira ibiganiro na Daesh kandi ivyo biganiro ntibizokumire umuntu numwe. Ibiganiro bizobera inyuma y’igihu.
Abasirikare 5000 nibo babwirizwa kuja kugarukana umutekano mu gihugu bitabaye uko ububirigi bufatirwe ibihano.
Union européenne yashinze abakuru b’ibihugu bitanu kuja kugondoza ububirigi kubijanye n’ikiringo ca ministre wa mbere Charles Michel no kwemera inteko mva mahanga.
Secrétaire wa ONU Ban Ki Moon yitezwe ko ashika mu gihugu c’ububirigi kuri uwu wa kane.
Abajejwe agateka ka zina muntu nabo bazoshika ku munsi w’Imana mu rugendo rw’iminsi 2.
24 Ntwarante 2016, 13:55, par KANYANDEKWE
Iyo ababirigi baba abandi botekereje. Hiryayejo ubufaransa bwirutse kuburundi n’integuro ya resolution kuburundi yo guhonya zina muhutu haca haza ikintu ngo ZIBA CECEKA. abarenga 200 barapha. Ububirigi nabwo buguma butera igere