Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Mu makungu
Ubudagi : Umuganga yarashwe n’umurwayi yariko arasuzuma
Yanditswe taliki ya 27-07-2016 - isaha 11:32' na IGIHE

Umuganga wo mu Budagi yarashwe n’umutama w’imyaka 72 y’amavuka, imbere y’uko nawe nyene ubwiwe yirasa, bompi bitaba Imana.

Ubwo bwicanyi bwabereye ku bitaro vya "Charité University’s Benjamin Franklin" mu gisagara ca Berlin. Amakuru ava muri ico gisagara avuga ko uwo mutama yari yitwaje inkoho yari arwariye kuri ivyo bitaro, akaba yarashe uwo muganga mu gihe bari mu cumba gisuzumirwamwo abarwayi.

Bompi bari bonyene muri ico cumba, aho umurwayi yasohora inkoho yo mu bwoko bwa Pistolet, atangura kumurasa amasasu menshi, mu nyuma nawe arirasa aca arapfa.

Igiporisi co mu gisagara ca Berlin kivuga ko ivyo vyabaye ataho bihuriye n’ibikorwa vy’iterabwoba, ariko abaporisi bajejwe kurwanya iterabwoba bakaba barungitswe ku bwinshi ahabereye ubwo bwicanyi.

Umuganga yishwe yari umuhinga mu kubaga indwara z’amenyo. Uwo mutama yamurashe akaba nawe yaheruka kubarwa n’uwo muganga. Amatohoza y’igiporisi ntarerekana impamvu zatumye uwo mutama yica umuganga yamuvuye, nawe akiyica.

Ubwo bwicanyi bubaye inyuma y’iminsi mike gusa umusore w’imyaka 18 yishe abantu icenda mu gisagara ca Munich, mu Budagi.

Ivyiyumviro vyanyu

Kuja Kwivza ufise Intumberoyubwi Canyi

29.07.2016 à 05:51
Elysée

Kujakwivuza ufise intumbero yokwica ? Mbere kwica umuganga iyoooo !!!.

27.07.2016 à 14:43
Kanyosha

Emw Ivyobintu Bisigubwenge ! Niryamber Kwisiyose Ivyobintu Bibay ! Imana Igarukir Imitima Yabantu Bamw Bamw

27.07.2016 à 12:38
Muyahudi

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.