Ubufaransa : Abantu 80 baguye mu gitero

Yanditswe na IGIHE
Kuya 15 juillet 2016 saa 08:38
Yasomwe : 24129
0 0

Mu gace kazwi cane mu gisagara ca Nice (Promenade des Anglais) hakozwe igitero gikomeye cahitanye abantu 80 barimwo abana, abandi batari bake barakomereka. Umugizi wa nabi atwara imodoka yo mu bwoko bwa "Camion" yayinjije ku nguvu mu kibanza carimwo abantu benshi bari mu birori, arabagonga.
Ico gitero cakozwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane, umukuru w’igihugu c’Ubufaransa Francois Hollande akamenyesha ko ari ubugizi bwa nabi, ndetse agatunga agatoki umutwe wa Islamic State ko uri inyuma (...)

Mu gace kazwi cane mu gisagara ca Nice (Promenade des Anglais) hakozwe igitero gikomeye cahitanye abantu 80 barimwo abana, abandi batari bake barakomereka. Umugizi wa nabi atwara imodoka yo mu bwoko bwa "Camion" yayinjije ku nguvu mu kibanza carimwo abantu benshi bari mu birori, arabagonga.

Ico gitero cakozwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane, umukuru w’igihugu c’Ubufaransa Francois Hollande akamenyesha ko ari ubugizi bwa nabi, ndetse agatunga agatoki umutwe wa Islamic State ko uri inyuma y’ivyaraye bibaye. Yaciye atangaza ko igihugu kigiye kuja mu bihe bidasanzwe, mu kiringo c’amezi atatu.

Abajejwe umutekano batangaje ko uwakoze ico gitero yari mu modoka nini itwara imizigo agenda n’umuvuduko mwinshi yerekeza ahariko imyiyerekano, mu kibanza kizwi nk’izina rya Promenade des Anglais, arabagonga.

Igiporisi caciye kirasa uwo mushoferi w’iyo kamyo aca arapfa, ariko bikavugwa ko nawe yasubizanye amasasu n’abo baporisi, imbere y’uko acikana. Umusore w’imyaka 31 w’Umufaransa afise inkomoko muri Tuniziya niwe basanze yari muri iyo modoka.

Hari haheze iminsi Ubufaransa buvuye mu bitero vy’ubugizi bwa nabi i Paris bwahitanye abantu 130.


Kumenyekanisha

1
Nkunzimana Jean Claude 17-07-2016 à 17:38

Biratwengejepe ! Iyobigeze Iwabobaremerako Arinkozizikibi. Ariko Iyobibereye Iwacu, Bakavugangotuganire. Nabonibarondere Abobantu,baganire. Ikibabaje, Nabobantubinzirakarengane.

2
Martin JOSE LUTHERIEN ADAMS 16-07-2016 à 18:37

Aaah,c’est une situation très grave pour tous les francais et meme le monde.et pour cela je dis que tous les français ayez la patience.

3
Nizgiyimana Nathanael 15-07-2016 à 15:54

C’est Vraiment Honteux !Tous Ensemble,combattons Contre Les Teroristes En Particulier Et Les Islamic State En General.Ques Les Francais Se Mettent Debout Contre Ces Genres D’incident.Au Nom Des Chomeurs Burundi Nous Disons Condoleleance A La France.

4
CAKIRA 15-07-2016 à 14:48

ahaaa !ntimwogirana ibiganiro na islamic sted hama umuhuza akava i Burundi, komuzi kuyayata mu burundi iwanyu naho vyanse !

5
MAJORO 15-07-2016 à 14:10

NIBIHANGANE NTAKUNDI

6
Huhoza ababuze 15-07-2016 à 13:02

Ndahojeje imiryango yabuze.

Abazungu bagiye kwica, no gusomborotsa ibihugu vy’abarabu bagira ngo ni Afrika y’abirabure bahumirije, bakiri mu bukoroni bwabo. Mwarawucanye reka muwote.

7
ELI 15-07-2016 à 11:41

KUBITA IZOMBWA ZABAZUGU

8
tari 15-07-2016 à 11:03

Aba terroriste bose nibamwe ni abicanyi
Yaba Bokoharamu, Sindimuja, Islamic State,.....

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha