IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubufaransa : Abayisiramu baridogera abajejwe umutekano

Ubufaransa : Abayisiramu baridogera abajejwe umutekano

mercredi 2 Kigarama 2015, par egide

Inyuma y’ibitero vy’iterabwoba vyabaye mu gisagara ca Paris kw’igenekerezo rya 13 Munyonyo 2015, ico gihugu caciye kimenyesha ko gitanguje ibihe bidasanzwe bizomara amezi atatu. Abayisiramu baba mu Bufaransa bavuga ko bahohoterwa n’inzego z’umutekano mu bikorwa ry’isakwa ry’ibirwanisho.

Abari mw’idini rya isiramu mu Bufaransa bagiriza inzego z’umutekano ko zikoresha inguvu z’umurengera mu gusaka ahakekwa ibirwanisho, kandi ko igiporisi cibanda ku ngo z’abari muri iryo dini kurusha izindi.

Umuryango urwanya ivangurwa rikorerwa Abayisiramu mu Bufaransa (Collectif contre l’islamophobie en France) uvuga ko hariko hasakwa mu buryo bukomeye abasengera mw’idini rya Islam, agasaba ko vyohagarara vuba.
Umuvugizi w’uwo muryango, Yaser Louati, yabwiye France 24 ko mu ngo n’abantu bamaze gusakwa, ibice 90 kw’ijana ari Abayisiramu, agasaba ko vyohagarara, hakubahirizwa uburenganzira bwa kiremwa muntu.

Mu gihe abaporisi b’Abafaransa bagirizwa ko hari igihe binjira mu ngo zisakwa ku nguvu, babanje kubomora imiryango, umushikiranganji w’umutekano, Bernard Cazeneuve yasavye inzego z’umutekano kuza zirasaba ba nyene ingo zisakwa bugurura imiryango ku bushake bwabo.

IGIHE

Messages

  • hohoooooo nubu fransa nibufatirwe ibihano ko buriko buriko buhotera abisiramu kandi atari bose bakoze iterabwoba ariko akarimi bashira kubarundi ngobakoresha inguvu none bo bariko bakoresha iki guhomora imiryango yabene gihugu birabaje bacumugcni mukirundi akarimi kavuginangore karagoroka nibahakurisomo

  • uufaransa bugomba gukora ihonyabwoko onu nirabe ibufatire ibihano vyihuta.

  • Petero Nkurunziza yavuzeko mu burundi hagiye kuza amaho yumusesekara ati:yaba umurundi canke umunyamahanga azokwitambika imbere yayo azohigura n’ Imana yo mwijuru aba franca nabado ntaco murabona nne ubu mwebwe ko muriko mukoresha inguvu mugusaka ibigwanisho?muga muburundi ngo nihonyabwoko canke mushaka mutugire nkuko mwagize abanyarwanda?? mugiye guhigura nimana

  • Ko mu burundi dusaka ibigwanisho ngonihonya bwoko emama ngodufatigwe ibihano none nano nibanareke ba bitunge numutekano hiyo niwosi bitaruko naho nibadukure kwinduru ahasigaye naho UNITED NATION nibafatire ibihano bahohotera idini nivangura ryamako ya barabu. Dusabe reta yacu ikomeze isakwa ryibigwanisho ahobiri hose badatinyiriye nabobo Bose bahora munzego zigihugu nayomacartie yigirango arakomeye yasakwe inzuyiketswe imenwa umuryango nafabaransa barabikora duheze twironkere amahoro

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.