IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubufaransa bwatanguye kugira ibitero vy’indege muri Siriya

Ubufaransa bwatanguye kugira ibitero vy’indege muri Siriya

dimanche 27 Nyakanga 2015

Igihugu c’Ubufaransa catanguye kuri uno w’Imana igenekerezo rya 27 Nyakanga 2015,kugira ibitero mu gihugu ca Siriya,mu ntumbero yo gutuza imirwi y’iterabwoba,n’umurwi wishinze gushinga Reta ishingiye ku mategeko ya Islam Etat Islamique.

Mw’itangazo ryashikirijwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu,ivyo bitero mu gihugu ca Siriya babaikoze mu ntumbero kwubahiriza ibikorwa vy’Ubufaransa,bafashanije n’abo bafashanya ico gikorwa co kurwanya imirwi y’iterabwoba mu karere.

Mu gihe ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Ubufaransa vyari vyamenyesheje ko bizokwivuna mu gihe hoba ibikorwa vy’agasomborotso,iryo tangazo ryasohotse rimenyesha ko Ubufaransa buzotera mu gihe cose umutekano w’igihugu wobangamirwa.

Iryo tangazo rimenyesha kandi ko indyane ziri mu gihugu ca Siriya zitegerezwa gutorerwa inyishu mu murwi,kandi abanyagihugu bakenewe gukingirwa amabi yose,arico gituma Ubufaransa bwiyemeje gukorana n’imirwi yose kugira mu maguru masha hajeho ingingo za politike ziheza ibibazo muri Siriya,kandi bashigikiwe n’intumwa idasanzwe ya ONU muri Siriya.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.