Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubufaransa : Umutekano wongerejwe mu bibanza biteye impungenge
Ubufaransa : Umutekano wongerejwe mu bibanza biteye impungenge
lundi 12 Nzero 2015
Mu gihugu c’Ubufaransa, umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi, Jean Yves le Drian amenyesha ko abasirikare ibihumbi cumi aribo bagiye kurungikwa mu bibanza bitandukanye avuga ko biteye impungenge.

Guhera aho bukera ku munsi wa kabiri, abandi bajejwe umutekano bagera ku bihumbi bitanu, bazorarira amashure y’abayahudi agera ku majana indwi (700). Izo ngingo zatangajwe inyuma y’inama yihuta y’abashikiranganji yari yahamagajwe mu ntumbero yo gutorera inyishu ikibazo c’umutekano mu Bufaransa. Iyo nama ikaba ibaye mu gihe abantu 17 aribo bahitanywe n’ubwicanyi mu bitero vyabaye mu ndwi iheze mu gisagara ca Paris. Ibitero vyabaye mu bibanza bitatu, ku biro vy’ikinyamakuru Charlie Hebdo, mw’iduka rinini ry’ibifungurwa rigenderwa cane n’abayahudi, n’ahandi hari umuporisi.
Ivyo bitero bikaba vyaratewe ivyatsi n’amakungu aho mbere n’igihugu c’Uburundi abantu isinzi bagizwe n’abamenyeshamakuru, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, uwahoze ari umukuru w’igihugu Petero Buyoya, Sylvestre Ntibantunganya n’abandi bahuriye hamwe imbere y’inyubakwa y’ubuserukizi bw’Ubufaransa kugira bavyiyamirize.
Floxella Karire