Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Inkino \BB basketball
Uburundi bwasivye ihiganwa rya zone ya 5 muri Basketball
Yanditswe taliki ya 14-06-2016 - isaha 07:47' na IGIHE

Umurwi nserukiragihugu w’abakiri bato bakina urukino rw’amaboko (Basketball) wasivye ihiganwa ry’ukurondera imirwi izokina ihiganwa rya zone 5 wari kujamwo mu gihugu ca Ouganda, mu gisagara ca Kampala. Uwo murwi wari umaze amezi abiri witegurira iryo higanwa, ukaba wasivye kubera kubura uburyo.

Ubushikiranganji bw’urwaruka, inkino n’imicokama nibwo bwari kumenya ingene uwo murwi urungikwa mukuwutegurira uburyo. Ku monuto wa nyuma, uwo murwi wabwiwe ko ata buryo buhari.

Ni inkuru y’umubabaro mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaboko mu Burundi, ariko iryo shirahamwe rigasaba abakinyi bari biteguriye iryo higanwa kudacika inkokora. Iryo higanwa rizotangura kw’igenekerezo rya 27 Ruheshi gushika kw’igenekerezo rya 3 Mukakaro 2016.

Ivyiyumviro vyanyu

Banse kubarihira kubera benshi murabo bakina ari abatusti

21.06.2016 à 16:15
rudoviko

UBWOSE RETA NTAMAHERA IFISE YARI KURUNGIKISHA ABO BAKINYI YEMWE IVYO MUGIHUGU CACU BIRAGOYE

14.06.2016 à 14:37
NYABA

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.