IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Uburundi bwungutse ibitari bike mw’iyinjir​a mu muryango w’ Afrika (...)

Uburundi bwungutse ibitari bike mw’iyinjir​a mu muryango w’ Afrika y’Ubuseruk​o

mardi 13 Rusama 2014

Ubushikiranganji bwo mu biro vy’umukuru w’igihugu bijejwe ukwinjira kw’Uburundi mu muryango w’ Afrika y’Ubuseruko, buri kumwe n’ubunyamabanga bukuru bw’uwo muryango, ba tunganije ibikorwa vyo kumenyesha no guhimiriza ku bijanye n’iyinjira ry’Uburundi muri uwo muryango.

Muri ivyo bikorwa, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji muri ubwo bushikiranganji Yohani Rigi, yamenyesheje ko imigambi myinshi yaranguwe kuva Uburundi bwinjiye mu muryango w’ibihugu vyo mu karere k ‘Afrika y’Ubuseruko. Yibukije ko Uburundi bwateye igikumu ku masezerano y’iyinjira mu muryango w’ Afrika y’Ubuseruko kuwa 18 Ruheshi umwaka wa 2007, Uburundi bukaba bwaciye buba bwaciye buba igihugu kimwe mu bigize umuryango w’ Afrika y’Ubuseruko guhera kw’igenekerezo rya 1 Mukakaro umwaka wa 2007.

Umuryango w’Afrika y’Ubuseruko ufise abanyagihugu bagera ku miriyoni 135,4, ukaba ufise uburinganire bungana bwose hamwe umuriyoni 1,8 ku kirometero kwadarato.

Mu mwaka w’ 2015 niho Uburundi buzoca bufata ikibanza c’ubunyamabanga bukuru bw’iryo shirahamwe ry’ Afrika y’ubuseruko. Yahamagariye abarundi kwitaho na ntaryo ibikorwa muri uwo muryango w’akarere k ‘Afrika y’Ubuseruko. Ku vyerekeye ukwishira n’ukwizana kw’abantu n’ibidandazwa , yamenyesheje ko ibihugu bihurikiye mu muryango w’ Afrika y’Ubuseruko bwashinze itagisi rimwe ku mipaka (Union douanière) Ivyo bisigura ko ibidandazwa bikoresha itagisi rimwe ku mipaka, iyo ivyo bihugu bisanzwe biri mu karere k ‘Afrika y’Ubuseruko.

Kugira urudandazwa rworohe, barashizeho urupapuro rwerekana iyo ibidandazwa bije biva (certificat qui témoigne la provenance des marchandises). Yohani Rigi yaboneyeho akaryo ko kumenyesha abarundi, ko umugambi wo kunganisha inyigisho ico bita mu rurimi rw’igifaransa système d’harmonisation du système éducatif )bizozana akarusho kanini kuko urwaruka rw’i Burundi ruzoba rungana ku rugero rumwe n’abo mu karere k’ Afrika y’Ubuseruko. Mary Makoff yaserukiye ubunyamabanga bukuru bw’akarere k’ Afrika y’Ubuseruko nawe, yamenyesheje ko imigambi y’iterambere itari mike iriko iraja mu ngiro aha atanga akarorero k’amabarabara, hamwe n’ibigo vy’ubushakashatsi.

Mwomenya ko ivyo bikorwa vyatunganijwe mu ntumbero yo gutegura ihuriro rigira gatatu (troisième forum) rizoba mu kwezi kwa Nyakanga uyu mwaka, mu gihugu ca Ouganda.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.