Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubushinwa : Abagabo 15 bakuwe mu kuzimu bari bamazemwo iminsi (...)
Ubushinwa : Abagabo 15 bakuwe mu kuzimu bari bamazemwo iminsi 36
samedi 30 Nzero 2016, par
Abagabo bari baheze mu kuzimu basidukiweko n’umusozi mu gihe bariko bimba ubutare bwa Gypsum mu ntara ya Shandong iri mu buseruko bw’igihugu c’Ubushinwa, barakotse.
Uwo musozi wari wabaguyeko ku munsi wa Noweri kw’igenekerezo rya 25 Kigarama 2015, bakaba batabawe inyuma y’ukwezi kurenga bari mu kuzimu kw’imetero amajana abiri.

Mu gihe abari basenyukiweko n’uwo musozi bagera kuri 29, amakuru atangwa n’ibinyamakuru vyo mu Bushinwa avuga ko muri abo bagabo, abagera kuri 15 bamaze kurokoka, abagera kuri 13 ntawuzi irengero ryabo, umwe nawe muribo akaba amaze kwitaba Imana.
Muri abo barokotse, bane muribo batowe mu kuzimu kw’imetero 200. Abo bari bakiri bazima baciye batwarwa kwa muganga kugira amagara yabo asuzumwe kandi babandanye gukurikiranwa.
IGIHE
Messages
31 Nzero 2016, 07:05, par Mukurarinda
Nigitangaza. Ubushinwa Nimuronkimigisha Ntawemurenganya Nkibindi Bihugu Byibihangange Nka Vya Us Nu Budag, Nubu Birig. Nimuze Mutwereke Ukotwocukura Ubwi Burundi. Nakare Ugendana Nasuneba Ugasasunebankawe, Muhitane Irani Nu Burusia, Mudukize.
31 Nzero 2016, 19:43, par HAMADI MUYINGA
SHA ALLAH YAKOZ IBITANGAZA KUBABATOWEBAKIRIBAZIMA
31 Nzero 2016, 19:45, par HAMADI MUYINGA
SHA ALLAH YAKOZ IBITANGAZA KUBABATOWEBAKIRIBAZIMA
2 Ruhuhuma 2016, 21:55, par NIYONGABO Pontien.
Nibashishikare kurabayuko n’abobatabonetse yuko bobabona.
2 Ruhuhuma 2016, 21:58, par NIYONGABO Pontien.
Nibashishikare kurabayuko n’abobatabonetse yuko bobabona.