Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubushinwa : Abagabo 15 bakuwe mu kuzimu bari bamazemwo iminsi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubushinwa : Abagabo 15 bakuwe mu kuzimu bari bamazemwo iminsi (...)

Ubushinwa : Abagabo 15 bakuwe mu kuzimu bari bamazemwo iminsi 36

samedi 30 Nzero 2016, par egide

Abagabo bari baheze mu kuzimu basidukiweko n’umusozi mu gihe bariko bimba ubutare bwa Gypsum mu ntara ya Shandong iri mu buseruko bw’igihugu c’Ubushinwa, barakotse.

Uwo musozi wari wabaguyeko ku munsi wa Noweri kw’igenekerezo rya 25 Kigarama 2015, bakaba batabawe inyuma y’ukwezi kurenga bari mu kuzimu kw’imetero amajana abiri.

Mu gihe abari basenyukiweko n’uwo musozi bagera kuri 29, amakuru atangwa n’ibinyamakuru vyo mu Bushinwa avuga ko muri abo bagabo, abagera kuri 15 bamaze kurokoka, abagera kuri 13 ntawuzi irengero ryabo, umwe nawe muribo akaba amaze kwitaba Imana.

Muri abo barokotse, bane muribo batowe mu kuzimu kw’imetero 200. Abo bari bakiri bazima baciye batwarwa kwa muganga kugira amagara yabo asuzumwe kandi babandanye gukurikiranwa.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.