IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubushinwa : Imbwa ibihumbi 10 zitezwe kuribwa mu minsi mikuru

Ubushinwa : Imbwa ibihumbi 10 zitezwe kuribwa mu minsi mikuru

mercredi 22 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Umunsi mukuru wo kurya imbwa utunganwa uko umwaka utashe mu Bushinwa watanguye mu bumanuko bw’ico gihugu, n’aho hari ababirwanya, haba muri ico gihugu canke hanze yaco.

Vyitezwe ko imbwa zishika ibihumbi cumi (10.000) hamwe n’inyabu ziribwa muri iyo minsi mikuru izomara imisi icumi ibera, kuva kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 21 Ruheshi 2016, i Yulin.

Nk’uko tubikesha BBC, abaharanira agateka k’ibikoko bavuga ko iyo minsi mikuru ari iy’ubugizi bwa nabi burenze urugero, aho tukabamenyesha ko abantu bagera ku miriyoni 11 bipfuza ko iyo minsi ihagarikwa bamaze gushira umukono ku rwandiko rubisaba.

Ubutegetsi bw’aho i Yulin ahabera iyo minsi mikuru buvuga ko budashigikiwe na Reta, ariko ko bikorwa n’abadandaza ku giti cabo badandaza izo mbwa y’inyabu.

Iyo minsi mikuru yo kurya inyama z’imbwa ikoranya abantu benshi mu karere ka Yulin, kugira bihitiremwo inyama z’imbwa bashaka, ivyamwa hamwe n’ibinyobwa bihereza.

Umugenzo wo kurya imbwa watanguye mu myaka 500 iheze mu Bushinwa, Korea y’epfo hamwe no mu bindi bihugu vyemera ko inyama z’imbwa zigabanya ubushuhe mu mubiri, mu gihe c’ici.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.