Ubutariyano : Abantu 247 bahitanwe na nyamugigima

Yanditswe na IGIHE
Kuya 24 Myandagaro 2016 saa 11:32
Yasomwe : 12330
0 0

Abanyagihugu barenga 247 mu Butariyano bahitanwe na nyamugigima ifise inguvu zingana na 6.2 ku bipimo vya Richter, yabereye mu karere ka Umbria hagati mu gihugu c’Ubutariyano. Iyo nyamugigima yazitse abantu mu kuzimu, nk’uko bimenyeshwa n’abategetsi b’igihugu c’Ubutariyano.
Iyo nyamugigima cabaye igihe c’isaha icenda n’iminota mirongo itatu z’ijoro, mu masaha yo mu Butariyano, ku birometero 76 mu bumanuko bushira uburengero bw’igisagara ca Perugia, ku birometero 10 mu kuzimu, nk’uko vyamenyeshejwe (...)

Abanyagihugu barenga 247 mu Butariyano bahitanwe na nyamugigima ifise inguvu zingana na 6.2 ku bipimo vya Richter, yabereye mu karere ka Umbria hagati mu gihugu c’Ubutariyano. Iyo nyamugigima yazitse abantu mu kuzimu, nk’uko bimenyeshwa n’abategetsi b’igihugu c’Ubutariyano.

Iyo nyamugigima cabaye igihe c’isaha icenda n’iminota mirongo itatu z’ijoro, mu masaha yo mu Butariyano, ku birometero 76 mu bumanuko bushira uburengero bw’igisagara ca Perugia, ku birometero 10 mu kuzimu, nk’uko vyamenyeshejwe n’ikigo co muri Amerika kijejwe kugenzura ivya nyamugigima, USGS (United States Geological Survey).

Izindi nyamugigima zumvikanye kandi mu bisagara bitandukanye nk’i Roma. Muri ico gisagara amwe mu mazu yanyiganyize nk’isegunda 20, nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru "La Repubblica".

Bivugwa ko abantu bane aribo boba bahasize ubuzima mu karere ka Accumoli, umukuru w’igisagara kibanyi ca Pescara del Tronto akavuga ko abantu babiri bageze muza bukuru bitavye Imana, inyuma y’aho inzu yabo ibomokeye.

Ako karere kari mu ntara za Lazio na Marche, karakunzwe kugenderwa cane n’ingenzi, kandi hari abashitsi benshi bari bakiri muri ako karere muri iki gihe.

JPEG - 1.6 Mo
Matteo Renzi, umushikiranganji wa mbere w’Ubutariyano

Umushikiranganji wa mbere w’Ubutariyano, Matteo Renzi, yavuze ko Reta yiwe ibandanya kuvugana n’ibigo bitandukanye bijejwe gukingira abanyagihugu.

Umukuru w’igisagara ca Amatrice, Sergio Perozzi, yabwiye radio imwe ya Reta izwi kw’izina rya RAI, ko ico gisagara cononekaye cane.

Sergio Perozzi yagize ati : "Amabarabara yo kwinjira canke gusohoka muri ico gisagara ntarengana. Abantu bari musi y’ibihome vyababomokeyeko. Imisozi yabomotse kandi hari n’ikiraro kimwe gishobora kubomoka umwanya uwariwo wose."


Kumenyekanisha

1
Pierre 28-08-2016 à 20:50

Nigihe Ciherezo Nico Gituma Ivyo Biriko Biraba . Kandi Nivyaha Vyabantu Vyarenze Mwisi Tutigaruye Ngo Tureke Ivaha,<<AKATARAZA KARI INYUMA>>

2
Nyanwi CLAVER 28-08-2016 à 13:24

Abantu Nibaze Twihi Mana Uaundi Bwo Nivya Vuzwe Vyo Mugihe Ciherezo Vyavuzwe Nayesu

3
Severin 24-08-2016 à 22:06

Ntakundikweri Nukwihangana.

4
Felix Muhire 24-08-2016 à 19:28

Ahubwo mpejeje gusoma ko hapfuye 73, kandi nkumbure ntibaramara kubaharura. N’ibihe vy’iherezo nyene. Ubwo nyene kur’uwu musi, ikindi kinyamugigima cayogoje igihugu co muri Birmanie ku mugabane wa Aziya. Hononekaye vyinshi ariko igitigiri c’abahasize ubuzima ntikiravugwa.

5
Sibomana Ferdinand 24-08-2016 à 17:01

Vyukuri birababaje ariko mwihangane ntakundi. turi mubihe vyiherezo

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha