Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubutariyano : Umushikiranganji w’umwirabure amaze gutukwa ibitutsi bitagira (...)
Ubutariyano : Umushikiranganji w’umwirabure amaze gutukwa ibitutsi bitagira ukwo bingana
vendredi 20 Nyakanga 2013
Kuva aho mu gihugu c’Ubutariyano hagenewe umushikiranganji Cecile Kyenge, kugira arongore ubushikiranganji bw’iyinjira ry’ico gihugu mu mashirahamwe hamwe n’ubushikiranganji bw’urwaruka mu nyuma, abatari bake ndetse abantu bari hejuru mu nzego zitandukanye, ntibigeze bahagarika kumutyoza ko asa n’igikoko, n’ibindi.
Uwo mupfasoni yavukiye mu gihugu ca Republika mu mwaka w’1964 kw’igenekerezo rya 28 Myandagaro, i Kambove mu gisagara ca Katanga. Yavyawe na se afise abagore benshi ku buryo avukana n’abana 38, kandi abo bose, umushikiranganji Kyenge arabemera, ndetse yarabafashije kugira bashobore gutera imbere. Bamwe muri abo bivukana bakaba bari mu bihugu bitandukanye, aho barangurira imirimo yabo.

Umupfasoni Kyenge avuga ko kugira ashike mu gihugu c’Ubutariyano, hari mu mwaka w’1982, afise imyaka 18, aho yiga muri kaminuza y’i Kinshasa, aca aronka amanota meza, amufasha kuja kubandaniriza kaminuza yiwe mu gisata c’ubuganga muri kaminuza yitwa Université Catholique du Sacré- Cœur, mu nyuma aca aja kuminuriza muri kaminuza Emile- Romagne, aho yaminuje mu vyo kuvura amaso. Mu mwaka w’4994, uyo mupfasoni akaba yaciye yubakana n’umugabo w’umutariyano, ndetse bakaba bafitaniye abana b’abigeme babiri Maisha, na Giulia. Amaze kwubakana n’uyo mutariyano Domenico, akaba yaciye aronka ubwenegihugu.
Uyo mupfasoni w’imyaka 49 y’amavuko, akaba avuga avuga ko adashobora kwibagira aho yataye uruzogi, ko ariko mu gihugu c’Ubutariyano ario yubatse, ariho afitiye umugabo n’abana, ko atazohava, ariho azorwa ndetse.
Uyo mupfasoni rero, akaba ariwe mwirabure wa mbere ashoboye gushingwa amabanga y’ubushikiranganji muri ico gihugu. Kuva rero amaze kuba umushikiranganji ibitutsi atukwa, avuga ko bitagira ukwo bingana. Nk’akarorero,

Mario Borghezio, umushingamateka wo mu bihugu vya Buraya, akaba yasavye ko Kyenge yosubira iwabo mu gihugu ca Kongo ko ari kavantara, ivyo akaba yabivugiye ku nsamirizi igenekerezo rya 30 Ndamukiza.

Erminio Boso, yahoze ari umukenguzamateka nawe, akaba yavugiye ku nsamirizi yitwa Radio 24, ko uyo mupfasoni yofatwa ku nguvu kugira ashobore gutahura ivyo ariko arakorera abatariyano.

Umugore yitwa Dolores Valandro, umuhanuzi mu mu gisata c’uburongozi nwe yavuze ko akunda ibikoko muri kamere kiwe, ariko ko iyo bishitse akabona Cecile Kyenge, ko amubonamwo ubwoko bw’inguge bita Orang-outan, kandi ariyo neza, neza. Ivyo akaba yavyanditse ku muhora ngurukanabumenyi bita facebook. Abatariyano rero hariho abafise amacakubiri, kandi abayafise baragerageza kwiyerekana rwose, kuko imbere y’uko Kyenge aja muri Leta, yarasanzwe ari umuganga, muri ico gihe, hari abantu banka ko abavura bamuhora ko ari umwirabure.
Uyo mushikiranganji, akaba avuga ko ivyo akora vyose, ivyo avuga vyose ko yiyubara kunyerera kuko azi neza ko hari benshi biteze uyo munsi mubi, ico gihe kibi, yonyerera, bakamuronka aho bamukura. Igihe kigeze azobisanya n’uwundi, ariko atari ukwo bimuvuyeko, ariko bivuye kw’ishaka ry’abamurongoye. Kandi, bikaba bivurwa ko atiteze atanga imihoho, kubera ibitutsi bamutuka.
Aristide Nizigire