IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubwongereza bwatoye kuva mu muryango w’ubumwe bwa Buraya

Ubwongereza bwatoye kuva mu muryango w’ubumwe bwa Buraya

vendredi 24 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Ubwongereza bwatoye kuva mu muryango w’ibihugu vya Buraya, nk’uko igice kinini c’amajwi nka yose amaze guharurwa kivyerekana.

Ibimenyeshamakuru nka BBC, ITV na Sky News vyo mu Bwongereza vyose bitangaza ko abanyagihugu bahisemwo kuva mu muryango w’ubumwe bwa Buraya. Abaharurwa mu bice 52 kw’ijana akaba aribo bavyemeje.

Umugwi utunganya ayo matora watangaje ko abanyagihugu batoye bisunze ibibazo vy’abimukira, ubwigenge bw’igihugu, umutekano, hamwe na kazoza k’ico gihugu muvy’ubutunzi.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza David Cameron yari mu basaba ko Ubwongereza bwoguma mu muryango w’ubumwe bwa Buraya.

VOA ivuga ko abakurikiranira hafi ibibera mu Bwongereza bari bavuze ko mu gihe abanyagihugu botora kwitandukanya n’uwo muryango, David Cameron, azoba atakaje icizere abanyagihugu bamufitiye.

Imwe mu ngaruka iyo ngingo imaze gutera, n’uko ifaranga ry’Ubwongereza rya Pound rimaze gukoroka ku bice 5 kw’ijana ku murwa mukuru Londres.


IGIHE

Messages

  • Ubumwe bwa Bulaya burashobora gusambuka igihugu cose kikigenga mu myaka iri imbere.

  • Piers Morgan †@piersmorgan 2m2 minutes ago
    OFFICIAL: Prime Minister David Cameron announces his resignation. @GMB

  • NAHO NTARUMWONGEREZA NAJE NDABISHIMYE

  • EMW NAMWEBW MWARIMUNYOTEW KUVAVANURA NIVYIZA KOMWAVYISHIMIY

  • Baruhuka kukomeza kugendera kumategeko yikigabo kiraho ngo ni Luois Michel.

  • Mugiseneza mwebwe benegihugu cu Bwongereza gutora kuva mubumwe bwubulaya.
    Ubunaho turiko turasengera amatora yabany’America kugira bazotangaze beshi mukwitorera Trump abariwe abukuru wa USA maze azohindure iy’Isi abantubumirwe ikigihe tugezemwo nicamahinduka kw’Isi yose.

  • IYOMIHIMBIRI YABANYABURAYA NIYISANZURE IREKE IBIHUGU VYIGENGE NUBURUNDI BUDASIGAY INYUMA KUKO NABWONYENE BWAREREKANYE KO ARIMUJERI NKABANDI UBUHO NIZEREKO BATARYANAMAVYI NYAKUBAHWA NKURUNZIZA NGONIWE ARIKO ARABACAMWIMIGWI.KANATSINDA UBONAKO ARIWE ASIGAY ATINYITSE UBWONGEREZA OYE! NKURUNZIZA NABAGUMYABANGA KOMERE MUGUME KUMAVI INTSINZ IRIHAFINAKARE IYURUGAMBA RUKOMEYE RUBA RUGIYE KURANGIRA KAZIMA BATANGUYE GUCANAMWO OYEEEEE!

  • kakantu ngoni tari kanyemwo abo muriko mwishimiriza bariko bacanamwo.urucira mukaso rugatwara nyoko, nabado mumezi atatu naho ubufaransa buzoba bwabavuyeko,bandanya muvuruga afrika KADAFI mwishe azobahumira ntituzokwibagira ukuntu mwateje imigumuko mushigikira aba puciste nabicanyi mukubaha ubuhungiro nukubaha ubushimwe kuko bagerageje kwica benshi harya tuguma kumavi dusengera YEHOVA IMANA afrika iruhuke

  • ubumwe bwa burayaa nibusambuke nkuko bashaka gusambura uburundi hanyuma afrika nayo yiyunge tugire ijambo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.