Accueil > Amakuru > Mu makungu > Igihugu ca mbere cemeje itegeko ry’umwana avuka ku bavyeyi batatu
Igihugu ca mbere cemeje itegeko ry’umwana avuka ku bavyeyi batatu
mercredi 4 Ruhuhuma 2015, par
Abashingamateka bo mu gihugu c’Ubwongereza bemeje itegeko ry’uko havuka abana bafise intangakamere ADN ivuye ku bagore babiri n’umugabo umwe. Mitochondries z’umugore wa mbere zifise utunenge ndemanwa umwana aheza akavukana, zisubirizwa iz’uwundi mugore zikomeye.

Abashingamateka mu Bwongereza bemeje itegeko ry’uko havuka abana bafise intangakamere ADN (canke DNA mu congereza) ivuye ku bagore babiri n’umugabo umwe.
Igihe iryo tegeko ryatorwa mu nama nshingamateka ariyo House of Commons, 382 bararyemeje, 128 baranka ubwo buhinga bubuza ko indwara kamere ziva ku muvyeyi zikaja ku mwana.
Ubwongereza bugiye kuba igihugu ca mbere gishinze amategeko yamera ko haba abana bavuye ku bantu batatu. Hategerezwa kuba irindi tora mu nama nkenguzamateka ariyo House of Lords. Hamwe vyose vyogenda neza, umwana avuye ku bantu batatu ashobora kuba yavutse mu mwaka uza.
Ubwo buhinga bwateguriwe muri Newcastle, bukazofasha abagore nka Sharon Bernardi wo muri Sunderland, yabuze abana biwe bose uko bari indwi kubera indwara ziturutse kuco bita "mitochondrie". Bituma abana bavuka babanje gutegurirwa muri laboratoire ivyo bita Fertilization in Vitro hakoreshejwe indangakamere ADN ya nyina, iya se n’iy‘uwundi muntu agira gatatu. Uwo agira gatatu n’umugore atanga ico bita "mitochondrie" ziba zikomeye zigasubirira iz’umugore wa mbere ziba zitameze neza kugira hirindwe indwara zimwe zimwe umwana yoheza akavukana.
Abagwanya ubwo buhinga barimwo imirwi y’abemera, bavuga ko buteye amakenga ku ngaruka bushobora gutera.
Floxella Karire
Messages
4 Ruhuhuma 2015, 14:07, par Emile
Nihatari kweri technology irateye imbere..............None ko jewe umukenyezi wanje ko tumaranye 9 ans akaba atararonka niyikoroka ...tudasiba kurangura amabanga yabubatse kumusi kumusi turabe ko hari icovamwo......nimutubarize ico twokora kuko uburyo turabufise
5 Ruhuhuma 2015, 18:17
emwe isi igeze ahamanuka,kuberiki abantu twibaza ko tubayeho kunguvu,ubuhinga,ubwenge,vyacu?tugomba kumenya ko Imana ariyo Ishoboye vyose,hama tukayubaha ibisigaye Ikabidukorera,nkuko Iduha imvura nizuba atakiguzi!
9 Ruhuhuma 2015, 14:53, par me
yoooh polé sana.nimuje mu bwongereza niho twumva hari ubuhinga bukomeye;hama kurangura amabanga iminsi yose siko guca uronka ikibondo kk hariho n’uwuhonja r’1 ikarara yinjiye.ikindi naco komeza gusenga Imana izotinda ibibuka.
28 Rusama 2015, 17:29, par EDOUARD
Isi Igeze Ahatemba Pe! Ahubwo Abobashingamateka Baryanse Iryotegeko Nibo Bazi Ingaruka Yavyo,kuko Nkuwo Mudamu Amaze Kubura Abana Bangana Ukwo Ubwo Babona Ko Ariho Yobaronka?Sha Nibarebe Neza.