IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > UE igiye gufatira ibihano bamwe mu bategetsi b’Uburundi begereye umukuru (...)

UE igiye gufatira ibihano bamwe mu bategetsi b’Uburundi begereye umukuru w’igihugu

mercredi 30 Nyakanga 2015

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rimenyesha ko rigiye gufatira ibihano abantu bane begereye umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza.

Naho ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ritavuze amazina yabo bagiye gufatirwa ibihano,abategetsi muri iryo shirahamwe bavuga ko ari abajejwe amabanga ahambaye mu gihugu mu gisata c’umutekano.

Ibihano bitegekanijwe kuri abo bantu bane,ni ukwankirwa impusha zo gutembera muri ivyo bihugu bigize ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya,hamwe no gufatirwa amatungo yabo ari mu bihugu biri mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya.

Umwe mu bategetsi mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya avuga ko iyo ngingo itaraba umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza,kuko abanyaburaya bashaka ko hoba ibiganiro hagati yabo nawe.

Ivyo bihano nyene ntibiraba abagize Reta y’Uburundi,kuko ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya aribwo bwa mbere bufasha Uburundi bushaka kuguma bwugururiwe mu kugenzura amafaranga bushira mu bisata vy’iterambere.

Ivyo bibaye inyuma yaho umushikiranganji w’imigenderanire mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya Federica Mogherini yari yamenyesheje kuwa 23 Mukakaro 2015 ko hagiye gufatwa ingingo ku bantu vyoboneka ko bagize uruhara mu mabi yakozwe mu Burundi.


Van Naris Mugisha

Messages

  • aho basha ibiganiro nyabaki nibo barasa rocket! kubera minerais terre rares twifitiye mbe basha turagowe!

  • niba nabarya baturiye umuntu mwibarabara batarimwo,UE izoba yerekanye ko ifise uruhare mubiriko biraba muburundi. naho imitungo ninde muri izondongozi afise inzu i paris canke londre!!

  • Mugikomeje gukorana nabahamagariye abandi guturira abantu naboba nabashigikiye amakudeta turaje duhangane mpakan’Imana izosange duhanganye, canke kubutunzi bubagira ibihangange muzohabonere amahano nkayo Goriyati yabonye yiyemeje guhangana na Dawidi kandiburaca murabibona mutatuvuye inyumya ikinikinyejana ca 21

  • mana nibunve basubize ubutegetsi aba nyagihugu!

  • None wewe ko mumukuramwo kandi ariwe nkwezi yamabara? Bose nimujaniranye urazi abantu baguma baraniga kubera iyo mandat? Mwari mwatevye.

  • mbe ivyo bihano mufatira abariko bakorera igihugu cabo ko mutabifatira abagomba kutumara canke mufise ivyo muhurirako ariko simwe mwaremye uburundi

  • YEWE WA SIWE!NTAWUZOYIHORAKO MBEGABO BOSE NTIBISANZE ARABANTU?NIBAREKE UBWICANYI,BIHANE!

  • jewe ngirandababaze.umuntu agifise amakenga kubumwe bwa buraya buhengamiye kubica bagaturira abantu na mapine ninde?zamumenya ubwenge ariko dushigikiwe nibihugu amerika itinya #uburusiya#ubushinwa#nibindi gushirako abanyagihugu isinzi uwowundi aturwanya wumva azoshika kuki?banyagihugu buburundi gumya umutima imana turikumwe.namatora bavuga ngontazoba ariko murabona aho ibintu bigeze.imbere niheza.

  • reka turindire mu burundi ntibigiye koroha

  • mwa bantu mwa bantu, mpfe kubita abantu nubwo bitagaragara rwose ko boba ari abantu! nibaza ko bishobora kuba ari nk’ibi robons vyo kwa nkurunziza vyigize abantu kuko nyamitwe azi cane gu progamma. nibaza ko ata muntu numwer afise umutima w’ubuntu kandi azirikana ko umuntu niyo atishwe azotaha hageze kandi ko ku musi w’imperuka hazoza urubanza: cff indirimbo y’abanyarwanda "AKAMANYU K’UMUTSIMA".
    Birananaje basha, iyo mana yanyu ishimishwa n’ubutungane bwa Nkurunziza nk’uko yabwerekanye kuva 2005 gushika 2015, vraiment, be mwibuka ko inda yama ari seha uzana ariko hariho n’ibihe ubura akayabagu kandi ivyo kurya bitabuze. nimbe rero muri abantu, humura amaso yanyu mureke gukorera Shetani mivuga imana itari iya Yezu Kristu yitanze nga abantu bose baronke ubuzima! burya ibiganiro abobigira ni impande zose ziriko zirasa ayo ma rockets muvuga kugira abarundi isinzi ataco bariko barazira basubirizwe umutima munda. none ko mwavuze ngo muri politique ntibica bakura intambamyi, burya ntimurabona ko iyo intambamyi zibaye nyishi muzasanga uhubwo arimwe mwabaye intambamyi! Adolphe yavuze ngo habiwezekane kiretse twese dupfuye, none ntiyahavuye ariwe atangura kandi ubuzima bukabandanya naho bugenda nabi ugira ubu hari ka kanyaro kiwe yobandanya? Imana nyene ikigongwe Imubabarire kuko atigeze amenya ivyo ariko akora. namwe basha bandanya musukana ariko mumenye ko irya mana mwigishije nkurunziza nawe ubu akaba ariko arayigisha atari yo ahubwo be mwangerako ko ari imana "nyakuri". kumwe mwavyongera ku migambwe. ndabifuriza kuzimuruka no gusubira ibuntu nimwaba mwaravyigezengirango igihe mweri mukivuka hoho.

  • Mbega burya UE hari igihe yibagira que ce n’est plus la première puissance mondiale,mbega burya umuntu atagiyeyo nta handi yoja,abaguma babimadikako bazi ico babashakako,mu vyukuri hari ibihugu vyinshi bishobora kutugirira akamaro kurusha UE,murabaza siriya yamenye ingene ivyifatamwo .Ntibadusamaze canke ngo baduteshe umwanya,nibafate izo ngingo twebwe tubandanya ivyacu ntawoba akibatako umwanya.

  • Ivyobihugu vyaburaya sibwobwambere bigambanira abarundi nimwibuke Ko kuvahishwe Rwagasore hakomeje kubamabi ntanumwe bigeze namatora abarundi mumacakubiri baciyebajamwo ntibigeze abanyaburaya bajahagati ngobabihagarike mukujahagati bararerse uruhanderumwe rurarya urundirurarurumanga, nonenunomusi nikobagize bashigikiye uruhanderumwe nubworugize amakosha bayita ivyiza, arikorero umubabaro bakaduteye kuvakera twinimira ubuhoho numwanyamwizawokuberekako twaritwarashavuye rekandekekuvugameshi muzovyibonera birimwobirashirwamungiro kiretse batuvuye kugakanu nayobabandanije hehehe!!!!! Vyaribigoye kubatanguragusa kwaribobabitanguye ntakundi.

  • IVYO BINWAMARASO VYA UE VYICISHIJE:RWAGASORE,NDADAYE,NANTEGA NAMARANGARA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.