IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > UE isaba amatohoza kw’ihohoterwa ryakorewe umumenyeshamakuru wa (...)

UE isaba amatohoza kw’ihohoterwa ryakorewe umumenyeshamakuru wa RFI

mardi 4 Myandagaro 2015

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya risaba ko hoba amatohoza kw’ihohoterwa ryakorerwe umumenyeshamakuru wa RFI i Bujumbura Esdras Ndikumana.

Alexandre Polack umwe mu bavugizi b’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya yavuze ko bababajwe n’ikubagurwa ryakorewe umumenyeshamakuru akorera iradiyo y’abafaransa RFI mu Burundi.

Alexandre Polack avuga ko batewe umutima uhagaze n’uko amabi ashobora kubandanya yiyongera,harimwo n’ayakorerwa abamenyeshamakuru b’abarundi kandi bakorera mu Burundi.Yavuze ko ibimenyeshamakuru vyigenga ari ishimikiro ry’igihugu kirangwa n’intwaro rusangi.

Kubwa Alexandre Polack ,Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rifise amakenga ko igihugu gishobora kuja mu bihe bigoye cane.Rihamagarira abegwa n’ikibazo ca politike gusubira mu biganiro no guhagarika amabi,nkuko vyasabwe n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika,Akarere ka Afrika y’Ubuseruko n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.