Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umubonano wa John Kerry na Enrico Letta
Umubonano wa John Kerry na Enrico Letta
mercredi 23 Gitugutu 2013
Umunyamabanga wa Leta zunze ubumwe z’amerika John Kerry ari i Roma mu Butaliyano, aho ariko abonana na Enrico Letta umukuru w’inama nshikirangangi yico gihugu, bariko bavugana ku bibazo vy’ibihugu bimwe bimwe vy’abarabu, bashobora no kuvugana ku bikorwa vyo gusuma urusaku vya Leta zunze ubumwe z’Amerika.
Muri uwo mubonano, Umushikiranganji w’Ubutaliyano ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu Emma Bonino, yatumiwe. Amakuru yo kwizera ava mu ntwaro, avuga ko bariko bavugana ibibazo vya Libiya, Irani, Siriya, n’ibihugu vy’abarabu. Ku bw’ama radiyo, boba bariko baranavugana ikibazo co gusuma urusaku Leta zunze ubumwe z’Amerika zikorera isi yose, hamwe no kwivanga kw’igisata kijejwe umutekano (NSA: National Security Agence) ca Amerika ku miliyoni y’ibivugirwa kuri za ngendanwa za bo bari kumwe (allies). Muri uwu mwanya, ikibazo c’uko Ubutaliyano burerwa kuba bubifisemwo uruhara kuko boba barumvirije ayo majwi, bikaba vyaranababaje cane Ubufaransa, ntaco barakivugako.

Kuri uyu muhingamo nyene, John Kerry ategekanya kubonana n’Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri Benjamin Netanyahu. Uwo munyamabanga wa Leta zunze ubumwe z’Amerika, ari nawe yatanguje uruganda rwo gusubira mu biganiro hagati y’ibihugu ca Isirayeri na Palesitina, agiye kumara iyi ndwi i Buraya aho azoca asubira gutanguza umugambi w’amahoro n’ukuvugana ku kibazo co kutumvikana muri Siriya.
Kuri uyu wa mbere uheze, yari yabonanye i Paris mu Bufaransa n’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu wa Arabiya Sawudite, Saoud al-Faical, hamwe n’ umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’igihugu ca quatar, Khalid ben Mohammad al-Attiya, imbere y’uko aja mu nama bukeye bwaho (ejo) y’abakunzi ba Siriya (Amis de la Syrie).
Chérif Nkeshimana