Umugabo ashaje kurusha abandi kw’isi yitavye Imana

Yanditswe na IGIHE
Kuya 19 Nzero 2016 saa 04:46
Yasomwe : 60867
0 0

Umugabo Arusha imyaka abandi bose kw’isi Yasutaro Koide yitavye Imana mu gihugu c’Ubuyapani afise imyaka 112.
Yasutaro Koide, yaba mu gisagara ca Nagoya, yavutse kw’igenekerezo rya 13 Ntwarante 1903, akaba yakoze akazi ko kubarira impuzu igihe yari akiri muto.
Yashizwe ku rutonde rw’umuntu afise imyaka myinshi gusumba abandi na Guiness Book Records, mu mwaka uheze.
Amakuru dukesha BBC, amenyesha ko, Yasutaro yitavye Imana ahitanywe n’indwara y’umutima n’umusonga ku musi wa kabiri,igenekerezo (...)

Umugabo Arusha imyaka abandi bose kw’isi Yasutaro Koide yitavye Imana mu gihugu c’Ubuyapani afise imyaka 112.

Yasutaro Koide, yaba mu gisagara ca Nagoya, yavutse kw’igenekerezo rya 13 Ntwarante 1903, akaba yakoze akazi ko kubarira impuzu igihe yari akiri muto.
Yashizwe ku rutonde rw’umuntu afise imyaka myinshi gusumba abandi na Guiness Book Records, mu mwaka uheze.

Amakuru dukesha BBC, amenyesha ko, Yasutaro yitavye Imana ahitanywe n’indwara y’umutima n’umusonga ku musi wa kabiri,igenekerezo rya 19 Nzero 2016.
Igihe yabazwa ibanga rituma aramba, igihe yari akiri muzima, bivugwa ko yahanuye abantu kutiruhisha cane ku kazi, kandi babeho binezereza.

Ntibiramenyekana uwundi mugabo asigaye afise imyaka myinshi kw’isi.
Gushika ubu, umupfasoni afise imyaka myinshi kw’isi ni Susannah Mushatt Jones, afise imyaka 116.

Yagiye muri ico kibanza mu mwaka uheze, inyuma y’urupfu rwa Misao Okawa wo mu Buyapani, yitavye Imana afise imyaka 117.

Umuntu wa mbere yamaze igihe kirekire kw’isi nk’uko bimenyeshwa na Guinness, ni umufaransa Jeanne Calment, yabayeho imyaka 122 n’imisi 164.

Yitavye Imana mu kwezi kwa cumi mu 1997


Kumenyekanisha

1
Berchimas 29-04-2016 à 21:20

Nagire Iruhuko Ryiza

2
vyandambiye! 1er-02-2016 à 17:39

Muburundi Turafise Uw,124 uwo ntacoyaribwarye rumuhoye ubusa.

3
Bibi Ceko 31-01-2016 à 23:31

Uwomutama Suwambere Jefise Nyokuru Afise Imyaka115 Kandi Aracariho

4
Mbimbi 29-01-2016 à 10:58

yeeeh Abakera barayamaze ngo: Umugabo adatembera agira ngo Umugore wiwe niwe ateka neza [email protected]@ basha baraduhenze aba bagira amatohoza mu bisagara gusa uyo ntabwo ari we muntu ashaje gusumba abandi mu misozi cangwa mu ma villages bariyo benshi bamusumvya imyaka daa

5
evariste 27-01-2016 à 21:00

Emweeeee! iyo hataza haraba ibiza abarundi baba baramba. Jewe ndavye abapfuye muri 1972 bari bafise ubuzima bwiza barikuramba. abo basize nabo baciye bakurira mubuhungiro kuburyo batarikugira ubuzima bwotuma baramba. abasigaye nabo baguma bafise ivyiyunviro bibi kuko baguma biyagiriza ko bishe benewabo gutyo bigatuma badashobora kuronka amahoro mumutima. ntaho bariguhera ngo barambe badatekanya mumutima. Ngizo imvo zituma abarundi bataramba

6
KURADUSENGE REDAMPTEUR RUYIGI 22-01-2016 à 20:49

weyaraburiye, nayo abarundi bo nuwukwijije 50ans aba yaranvye ivyuka vya poritique namasoro ntivyokwijana ukwo.

7
moon 22-01-2016 à 10:40

condolence my oldest because the land was still tasteful! i believe u worked well God’s works to be welcome suitably in heaven.and then, u will wear thy works as the bible says.

8
Niyonsaba Obede Chretien 21-01-2016 à 18:16

None Natwe Mu Burundi Hokwigera Haboneka Umuntu Nk’uyo?Erega N’uwo Nuko Yaronka Utwo Afungura Tumeze Neza.Abakene Nk’abarundi N’abo?

9
Daniel Nshimirimana 21-01-2016 à 02:52

Haaa, Kuramba Nivyize .None Yoba Yaritondeye Ibgagezwe Vy’ Uhoraho, Biruko Yesu Namwakire

10
Nkndwanimana Domitien 21-01-2016 à 02:42

Asha ntabandi boyigira gs jew ndafisenyokuru afisse 1906 nubu aracariho kand ahevye nogusoma mwiyimisi urumva 110 nimyish mwebwe mubivuzeko iki?

11
Nkndwanimana Domitien 21-01-2016 à 02:40

Asha ntabandi boyigira gs jew ndafisenyokuru afisse 1906 nubu aracariho kand ahevye nogusoma mwiyimisi urumva 110 nimyish mwebwe mubivuzeko iki?

12
Nkndwanimana Domitien 21-01-2016 à 02:38

Asha ntabandi boyigira gs jew ndafisenyokuru afisse 1906 nubu aracariho kand ahevye nogusoma mwiyimisi urumva 110 nimyish mwebwe mubivuzeko iki?

13
Hitimana Mathias 20-01-2016 à 21:14

I BURUNDI TURAFISE UW’AFISE 121,
ZA MUTOHOZA NEZA

14
Nsengiyumva Nestor 20-01-2016 à 15:31

Emwe Yapfuye Yari Yarushe NAHO YARI YARASE KWIRUHISHA.IMANA IMWAKIRE.

15
JOEL 19-01-2016 à 20:11

Imana Nimwakire.

16
KL 19-01-2016 à 19:24

NONE NATWE ABARUNDI UWAMBERE WIMWAKA MWISHI NENDE? NUKUNTU TUBAYEHO NABI

17
Havyarimana Juvenal 19-01-2016 à 19:07

Abantu nibagabanye gufungura imfungurwa zitarimwo produit chimique.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha