IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umugabo wa Céline Dion yitavye Imana

Umugabo wa Céline Dion yitavye Imana

vendredi 15 Nzero 2016

Umugabo w’umuririmvyikazi Céline Dion, René Angélil yitavye Imana ahitanywe n’indwara ya kansere (cancer) yo mu muhgo yari amaranye imyaka ishika 25.

Umuvugizi wa Céline Dion yamenyesheje ko René Angélil yapfuye ku mugoroba wo kuri uno wa Kane igenekerezo rya 14 Nzero 2016,afise myaka 73 y’amavuko,ahitanywe n’indwara ya kansere (cancer) yo mu muhogo.

René yitavye Imana ari mu rugo rwiwe mu gisagara ca Las Vegas muri Nevada mu Burengero bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Marc Olivier , umuvugizi w’urugo rwa Céline Dion yavuze ko ari umubaboro mwinshi kuba bamenyesheje ko René Angélil umugabo w’umuririmvyikazi Céline Dion yitavye Imana.

Muri Kigarama 2015, indwara ya René Angélil yatumye Celine Dion ategura ibirori bikomeye vya Noweli bizofatwa nk’icibutso c’iteka mu gihe umugabo wiwe azoba atakiri kw’isi.

René Angélil yatanguye kwerekana ibimenyetso vya kansere mu mwaka w’1990, ico gihe yaravuwe ku buryo bwose bushoboka,ariko indwara yasubiye kwibonekeza kandi ikomeye mu mpera z’umwaka w’2013,muri ico gihe nyene Celine Dion yaciye afata ikiruhuko c’umwaka kugira amukurikiranire hafi.


IGIHE

Messages

  • yooo!Birababaj cane arko ntakundi vyari kugenda kko mubuzima niko bimez hari kubaho no gupfa!Rero niyiryamire mu mahoro mukurindira icibwa ry’urubanza rw’amateka ye. umuryango wiw nawo niwihangan!

  • yooo!Birababaj cane arko ntakundi vyari kugenda kko mubuzima niko bimez hari kubaho no gupfa!Rero niyiryamire mu mahoro mukurindira icibwa ry’urubanza rw’amateka ye. umuryango wiw nawo niwihangan!

  • praise lord ! there is other way we can escape the death ! lord is the refuge trust in Him and we will live in eternity : Imana imwakire mu maboko yayo Amen

  • Céline Dion,I’ve heard your beloved husband died yesterday,I’m very sorry.condoleance and people from all over the world are together with you.

  • Polesana twese asniyonzira

  • Ariko "yapfuye" ntiyitavye Imana. Abitaba Imana, n’abahamagarwa nayo ngo bayikorere ibikorwa mu murima wayo. Iyo mvugo yo"kwitaba Imana" uwayizanye yaribeshe. Mu kirundi ca kera kandi c’urupfasoni, twovuga ngo "Yaryamiye ukuboko kw’abagabo". Ariko "kwitaba Imana", n’imvugo Shitani ahuha mu bantu,kugirango bemere ko uwapfuye adapfa ngo ahere, ahubwo ko abandanya ubundi buzima. Abantu mwize kandi mwasomye, murazi ko ico arico cigisho ca mbere shetani yigishije abavyeyi bacu ba mbere ngo: Gupfa ntimuzopfa" (Itanguriro 3: 4). N’ubu Shitani irabandanya gukoresha abarundi ngo bakwirakwize ico kinyoma ca ya nzoka ngo" ummuntu yitavy’Imana". Oya, vugako yapfuye. Abapfuye ntaco baba bakimenya (Umusiguzi 9: 5). Ariko abitavye Imana, bashobora kuvugana na yo nkuko Musa na Aroni, Daniyeli n’abandi benshi bayitavye bakavugana.

  • @ miburo ukuboko kW abagabo kubera iki utovuga umutwe w abagabo, canke ukuguru ,apfuye atagira amaboko naho , ivyo vyigwa vy iwawe bisigurire umuryango wawe uzamenye inyishu ivuga wapfuye vyaba vyiza reka gushinyagura ngaho uwo mugabo was Celine yigire amahoro

  • Niyihangane Iwacu Nimwijuru Imana Imwakire Mubwamibwayo

  • niyihangane bishikira bosi nakare twesiniyotuzoja

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.