Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umugore wa mbere ashaje kw’isi yapfuye
Umugore wa mbere ashaje kw’isi yapfuye
mercredi 1er Ndamukiza 2015
Misao Okawa yamenyekanye nk’umugore wa mbere ashaje kw’isi yose, yapfuye haheze ukwezi kumwe yujuje imyaka 117 y’amavuko.

Misao Okawa yamenyekanye nk’umugore wa mbere ashaje kurusha abandi, yapfuye ku myaka 117 nk’uko vyamenyeshejwe n’ubuyobozi bw’inzu y’uburuhukiro yahora abamwo.
Misao Okawa yavutse kw’igenekerezo rya 5 Ntwarante mu mwaka w’1898 mu gisagara ca Osaka kiri mu gihugu ca Japon. Misao yabaye umugore wa mbere ashaje kw’isi yose, ku myaka 114 y’amavuko, mu mwaka w’2014.

Uwo mugore asize abana batatu, abuzukuru 4, n’abuzukuruza 6. Misao yaheruka kuboneka, akikujwe n’umuryango wiwe, cane cane umuhungu wiwe mukuru afise imyaka 92. Kw’ isabukuru ry’imyaka 117 yiwe, yifotoje n’umuryango wiwe ameze neza, yambaye na neza.
Muri ico gihe vyarabonetse ko n’ubwo ashaje cane, afise amagara meza.
Igihugu ca Japon cibonekeje nk’igihugu gifise abantu baramba cane, mu gihe n’umugabo wa mbere ashaje kw’isi yose, afise imyaka 112 aturuka muri ico gihugu.

Lorene Nubwabo
Messages
1er Ndamukiza 2015, 16:49, par nduwimana
mbega iburundi uwukwije 50 ans déjà abayatanguye kuzana iminkanyari kweli....ariko birumvikana nkiyo....
2 Ndamukiza 2015, 12:25, par EUSTACHENDIKUMUKIZA
QUE LA TERRE LUI SOIT LEGERE!
4 Ndamukiza 2015, 20:34, par AUDRINE
Au Burundi turya nabi ntivyokunda vm
5 Ndamukiza 2015, 10:09, par zabulon
No ngah iwacu harih abayishits nuk atawubavugir akarorer i muyinga mu gashoho harumutama yapfuy mur2012 yujuj 115
5 Ndamukiza 2015, 11:32, par Josuella Peace
Biratangaj saana kubon umugor vrm afis iyo myak yos yar abayeh neza
22 Rusama 2016, 14:16, par ndimarangara giheta kundera
nzobarinda.gaspar