Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugore wa mbere ashaje kw’isi yapfuye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umugore wa mbere ashaje kw’isi yapfuye

Umugore wa mbere ashaje kw’isi yapfuye

mercredi 1er Ndamukiza 2015

Misao Okawa yamenyekanye nk’umugore wa mbere ashaje kw’isi yose, yapfuye haheze ukwezi kumwe yujuje imyaka 117 y’amavuko.

Misao Okawa yamenyekanye nk’umugore wa mbere ashaje kurusha abandi, yapfuye ku myaka 117 nk’uko vyamenyeshejwe n’ubuyobozi bw’inzu y’uburuhukiro yahora abamwo.
Misao Okawa yavutse kw’igenekerezo rya 5 Ntwarante mu mwaka w’1898 mu gisagara ca Osaka kiri mu gihugu ca Japon. Misao yabaye umugore wa mbere ashaje kw’isi yose, ku myaka 114 y’amavuko, mu mwaka w’2014.

Uwo mugore asize abana batatu, abuzukuru 4, n’abuzukuruza 6. Misao yaheruka kuboneka, akikujwe n’umuryango wiwe, cane cane umuhungu wiwe mukuru afise imyaka 92. Kw’ isabukuru ry’imyaka 117 yiwe, yifotoje n’umuryango wiwe ameze neza, yambaye na neza.

Muri ico gihe vyarabonetse ko n’ubwo ashaje cane, afise amagara meza.
Igihugu ca Japon cibonekeje nk’igihugu gifise abantu baramba cane, mu gihe n’umugabo wa mbere ashaje kw’isi yose, afise imyaka 112 aturuka muri ico gihugu.


Lorene Nubwabo

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.