Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umugwi w’abimukira wasubijwe muri Turkiya
Umugwi w’abimukira wasubijwe muri Turkiya
vendredi 8 Ndamukiza 2016, par
Umugwi ugira kabiri w’abimukira wasubijwe muri Turkiya, ku mwumvikano n’ishirahamwe rya Buraya ugamije kugabanya igitigiri c’abimukira binjira i Buraya.
Ubwato butwaye abanye Pakistani mirongo ine na batanu bwafashe urugendo buvuye mw’izinga rya Lesbos mu Bugiriki.
Abantu batatu bari mu myiyerekano, basimbiye mu mazi bagerageza kubuza ubwo bwato kugenda, ariko abajejwe gucungera inkengero z’ibahari baciye babakurayo.
Abajejwe intwaro mu Bugiriki bavuga ko muri abo bimukira bose basubijwe inyuma ata n’umwe yasavye ubuhungiro.
Mwomenya ko Umugwi wa mbere w’abantu bashika amajana abiri bagizwe ahanini n’Abanyepakistani, wasubijwe muri Turkiya kuwa mbere. Abandi bimukira ibihumbi vyitezwe ko nabo bacishwa muri iyo nzira.

IGIHE