IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umuhinyanyuzi > Umuhinyanyuzi Fleury Pro akitswe n’amagara asaba imbabazi abo (...)

Umuhinyanyuzi Fleury Pro akitswe n’amagara asaba imbabazi abo yacereje

mardi 29 Ndamukiza 2014

Umuhinyanyuzi w’amasanamu Fleury arakitswe n’amagara mu gihe yariko ategura ireresi, hamwe n’ibikorwa vyinshi vy’amasanmu yariko arakora. Ari kwa muganga ariko ntarabona inyishu, asaba imbabazi abo bose ariko acereza mu bikorwa vyabo.

Yafashwe kuva ku munsi wa gatandatu, yumvise ata nguvu afise, kandi atumva hari ico yoshira ku munwa. Yazindutse rero aja kwa muganga, ariko ntaratora inyishu. Fleury Pro naho yumva arwaye, arababajwe cane n’igikorwa gikomeye cane c’amasanamu (Video) y’indirimbo z’umuririmvyi Abel Nduwayo asanzwe aririmba impimbazamana. Mu rukwirikirane rw’indirimbo 8 za Abel, Fleury akitswe n’amagara asigajemwo 3 gusa.

Uwo muhinyanyuzi akorera mu nzu ya High Video iri mu Nyakabiga, ababajwe kandi n’ireresi yariko arakora izoja mw’ihiganwa rya Festicab iriko iratakaza umwanya, ariko akizera ko agiye gukira hanyuma abandanye igikorwa. Iyo reresi igiye kuzoja mw’ihiganwa yitwa "Le miracle" yateguwe n’umuhinyanyuzi Fleury Pro ari kumwe na Cherif Pro .Asaba imbabazi kuri abo bose ariko aracereza mu bikorwa vyabo.

Amafoto ya Fleury ari mu kazi kiwe ka minsi yose imbere y’uko arwara


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.