Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuhinyanyuzi Marc kibamba aranegura abaririmvyi bamwitura batazi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umuhinyanyuzi > Umuhinyanyuzi Marc kibamba aranegura abaririmvyi bamwitura batazi (...)

Umuhinyanyuzi Marc kibamba aranegura abaririmvyi bamwitura batazi ikibajanye

samedi 17 Rusama 2014

Muri kino gihe abaririmvyi baridoraguza mu gutora aho bakorera indirimbo zabo, akenshi bashima abahinyanyuzi banyarutsa, bagasaba amahera agereranye kandi bakora neza. Mbega abahinyanyuzi nabo bashima abaririmvyi bameze gute? Mbega harico abahinyanyuzi banegura abaririmvyi? Marc Kibamba aratubwira bitari bike.

Marc Kibamba ni umwe mu bahinyanyuzi karuhariwe mu Burundi, amaze igihe kitari gito akora uwo mwuga, uwo akorera muri Afro Music Studio iri mu Buyenzi.
Igihe ikinyamakuru IGIHE camugendera, twahasanze abaririmvyi, harimwo na Nikiza Bonfils aba mu gihugu ca Israel na Jiji Seven, n’abandi baguma bahamagarana kuri za ngendanwa.
Ikibazo ca mbere twabajije Marc Kibamba ni ico kumenya igituma ahurumbirwa n’abaririmvyi. Ico kibazo caramunaniye kwishura kuko yishuye ko nawe nyene atazi igituma aronderwa na benshi, aragwa akagaruka ati : "Nibaza ko ndabakorera ivyo bipfuza baca babwirana, sinzi ngira ni wa mugani ngo akeza karigura!"
Abandanya anogereza ico ciyumviro kuko avugako iyo abaririmvyi batobaye bashima uko akora ntakindi cobazana kuko Afro Music ifise ibiciro vyitandukanije.

Tumubajije ico yoba anegura abaririmvyi, Marc Kibamba yishura ati :"Hari abaririmvyi bafise ivyo banegurwa n’abandi atavyo bafise, abo negura nabaza kunyitura bataratora ico baje gukora, mvuze abaza ata na kimwe bazi ariko nabonyene ndabatahura kuko haraho usanga ari umuririmvyi mushasha mu mwuga wo kuririmba. Ndashima cane abaririmvyi bubahiriza umwanya kuko abenshi umwanya urabagora"

Mwomenya ko umuhinyanyuzi Marc Kibamba ari umuhungu w’umuhisi Kibamba wa Kibamba yahoze ari umuririmvyi akongera akaba n’umuryosha giteramo (Comedien). Uwo aherutse kwitaba Imana, aho bukera ku munsi w’Imana w’igenekerezo rya 18 Rusama, harategegekanijwe igiteramo co kumwibuka kizobera kuri Kadesh kuva isaha cumi n’imwe z’umuhingamo(17h30).


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.