IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umuhinyanyuzi > Umuhinyanyuzi Pastor P yoba aje gukorera mu Burundi

Umuhinyanyuzi Pastor P yoba aje gukorera mu Burundi

mardi 16 Mukakaro 2013

Haraheze ikiringo c’Indwi umuhinyanyuzi w’umunyarwanda yitwa Bugingo Ndanga Patrick azwi kw’izina rya Pastor P ari hano mu gihugu c’Uburundi, akaba yabwiye umumenyeshamakuru wa IGIHE BURUNDI ko aje kwirabira aho umuziki w’Uburundi ugeze, abone gukorana nabo, kanatsinda ko azi ko abarundi basanzwe ari abahinga.

Pastor P ubu yamaze kwemeza ko aje gukorera mu Burundi mu rwego rwo kwagura ibikorwa vyiwe, aho akibutsa ko yari asanzwe akorera mu gihugu ciwe c’Urwanda no mu gihugu c’ Ubufaransa gusa, none ubu akaba agiye no gukorera mu gihugu c’Uburundi.

Ku kibazo c’uko azoja akorera aho hose kandi akubahiriza amasango y’abaririmvyi, Pasror P yamenyesheje ko azogerageza akore ibishoboka vyose kugira abazomwitura bazoshimishwe n’ibikorwa vyiwe. Pastor P amenyesha kandi ko aje kwongereza akanovera k’umuziki w’abarundi, ariko rero aratomora neza ko n’abahinyanyuzi bo mu Burundi bafise ubuhinga bwabo, gusa ico bitandukanirako n’uko umwe wese afise uburyo atunganya ibikorwa vyiwe.

Pastor P yabandanije avuga ko azoba afise ubuhinyanyuriro bwiwe hano i Bujumbura, gushika ubu izina n’aho azabushira bikaba bitaramenyekana.

Mwomenya ko mu minsi mike amaze i Bujumbura, uwo muhinyanyuzi aramaze gusohora indirimbo y’umuririmvyi Samantha, iyo ikaba yitwa “Sinkakubure”.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.