Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuhinyanyuzi w’amasanamu Black Arthur yifuza guteza imbere umuziki (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umuhinyanyuzi > Umuhinyanyuzi w’amasanamu Black Arthur yifuza guteza imbere umuziki (...)

Umuhinyanyuzi w’amasanamu Black Arthur yifuza guteza imbere umuziki w’uburundi

vendredi 5 Ndamukiza 2013

Ndayizigiye Arthur azwi kw’izina rya Black Arthur ni umusore w’imyaka 27 uwo akaba ari umuhinyanyuzi w’amasanamu akaba afise ubuhinyanyuriro(Studio) bwiwe bwitwa Akaga Videos, amaze kumenyekana nk’umuhinyanyuzi w’umuhinga hano mu gihugu c’UBurundi mbere no mu makungu.

Twaramwegereye dushaka kumenya ibijanye n ‘ivyo akora atubwira ko yabitanguye mu mwaka wa 2000 aho yakora amareresi . Ireresi yakoze yitwa Wokovu n’iyo yatumye atsinda ihiganwa rya Best Videos ryari ryabereye mu gihugu ca Kongo.

Mu gihe gito yaciye atangura gukora n’amasanamu y’indirimbo z’abacuraranzi batandukanye, aha twovuga nka Big Fizzo ,Lolilo, Rally- joe,Jey fire,Mkombozi,Umurwi wa indimu, R-flow n’abandi benshi mbere harimwo n’abo hanze y’ UBurundi nka Daymond mu ndirimbo RUDI, umurwi wa Soldiers boys wo muri Uganda, umurwi wa Joa Frex wo muri Kongo n’abandi .

Black Arthur ubu avuga ko mu rwego rwo gukomeza gukora neza no guteza imbere umuziki w’Uburundi ku rwego rushimishije ngo mu buhinyanyuriro bwiwe bwa ‘’Akaga Videos ‘’ hagiye kuja hakoreshwa ivyuma bigezweho bijanye n’iki gihe.
Abandanya avuga ko agiye kwita cane ku guteza imbere abaririmvyi batoyi bafise indirimbo nziza.Ikindi ngo mu rwego nyene rwo guteza imbere abaririmvyi ubu yarashinze umurwi wiwe witwa’’ Akaga music’’ uhurikiyemwo abaririmvyi benshi ba hano mu Burundi nka Mkombozi ,Chanelle, Jey Fire,Peter Niyo,Silas Damara,Miss Erika , Miss Nono n’abandi.

Arangiza avuga ko atazigera ahagarika ibijanye n’ivyo akora kugira ngo amasanamu y’indirimbo z’u Burundi ashike ku rugero rukwiye.Mbere n’abandi b ‘ahandi bazomugana ntazobura kubakira kuko avuga ko muri ino minsi agiye gukorana cane n’abaririmvyi bo mu Rwanda.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.