IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umuhinyanyuzi > Umuhinyanyuzi w’umuziki Botchum murugendo rwoguteza Imbere Umuziki

Umuhinyanyuzi w’umuziki Botchum murugendo rwoguteza Imbere Umuziki

samedi 16 Ntwarante 2013

Botchum n’umwe mubahinyanyuzi b’imiziki bazwi kandi bakomeye ba hano mugisagara ca Bujumbura .IGIHE ikaba yaragerageje kumwegera kugirango atubwire uwariwe anatubwire n’ibijanye ni akazi akora ko guhinyanyura imiziki.

JPEG - 36.4 ko

Kwizera Freddy benshi bazi kwizina rya Botchum ni umuhinga muguhinyanyura imiziki.Botchum n’umwana w’icenda mumuryango avukamwo,afise imyaka 39 y’amavuka,arubaste akaba afise abana bane.

Freddy Kwizera batazira Botchum yatanguye akazi kiwe ko guhinyanyura imiziki mumwaka w’ 2001;yatanguye akorera muhira iwe aho yarafise akazu bahinguriramwo umuziki(studio d’enregistrement) aho yakoresha ivyuma bike yarafise yanakoresha mukuvugiriza abantu umuziki mu minsi mikuru itandukanye,niko guca yiyunvira ukungene yodukoresha muguteza imbere abaririnvyi.Niho yaciye atangura gukorera abaririnvyi batandukanye.

JPEG - 37.2 ko

Kubwa Botchum ngo akazi akora ntiyovuga ko koroshe namba,kuko ngo mubuzi yibaza ko bugoye n’akumuziki karimwo kuko arakazi gasaba ahanini umwanya,inguvu,ubwenge,n’ubwitonzi.Nkakarorero ngo nko kwicara imbere y’imashine kuva mugatondo kugeza mwijoro uriko ukora ururirimbo,haraho uhura n’umuririnvyi akubwira nabi kubera kuruha ivyo bigasaba ukwihangana .

Uwo muhinyanyuzi w’umuziki ngo aravye abaririnvyi bagiye barakorana intambwe bateyeko ngo arashima cane imana,kuko ngo nikuriyo ntambwe abonerako igikorwa akora gishimwa.kubijanye naho n’intambwe umuziki w’uburundi n’abarundi ugezeko ngo irashimishije cane kuko ivyo vyibonekeza na cane cane mumahiganwa atari make abarundi bamaze kujamwo;muri make ngo umuziki w’uburundi ugeze ahantu heza cane, ikibuze ngo n’ugushigikirwa bikwiye.

Imigambi ya kazoza rero ngo niyo ahanini gufatanya na bagenzi biwe bakora akazi kamwe kugira bagire umugwi w’abahinyanyuzi b’umuziki maze barabe ko bonateza imbere abandi bakiri bato batanguye gukora akazi bene ako,ndeste n’abifuza kugakora kugira umuziki w’uburundi ugume utera imbere wunvikane mumakungu yose.

JPEG - 35.1 ko

Icifuzo ciwe ngo nukubona muri kazoza umuririnvyi aronka ubuzima bwiza cane bitewe n’umwuga wiwe,aranifuza ko yofasha umuririnvyi w’umurundi agatera imbere akamenyekana no mumakungu,ikindi cifuzo ciwe ngo nugukorana n’abandi baririnvyi bo mubihugu bibanyi bigize akarere ka afurika y’ubuseruko hamwe n’abahinyanyuzi bo murivyo bihugu kugira bungurane ubumenyi.

Imigambi nayo ngo iracari myinshi ureste ivy’imiziki baragomba no guteza imbere ivy’ama reresi,ivyo vyose bakaba bifuza kuzobishikako vuba cane arinaco gituma atera akamo ubwambere abaririnvyi bagitangura gukora ivy’umuziki; abatera akamo ko kwegera ababakurira mumwuga kugira barabe akarorero keza babereke maze batere imbere vuba na vuba,akandi kamo agatera Leta y’uburundi ayisaba ko bokwiga ukungene boshinga ubushikiranganji bwitaho ivy’imico kama ngo kuko arigisata kinini cane giteza imbere igihugu n’abanyagihugu.

Mwomenyako Kwizera Freddy batazira Botchum amaze gukorana nabaririnvyi hamwe n’imigwi itari mike yahano iwacu bamwe muribo tukavuga nka Fariaz,Dogo-A,Riziki,Lolilo,Olga,umugwi wabaririmbiramana bo kurushengero Guerison des Ames n’abandi benshi.


Alexandrine Keza

Messages

  • Botchum numuhinyanyuzi nemera cane gose! yatanguye ivyerekeye ubu Dj arabandanya aja muvyo kudufasha kugira aduhinyanyurire amajwi yacu! numuntu yamye anfasha kuvyerekeye ivyuma vyumuziki canke ibindi bintu vyerekeye umuziki nipfuza! numuntu avuga make akagwiza umwimbu! naterimbere kuko ico yihaye arara agihejeje! keep it up brother..!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.