IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Umuhora mushasha w’amasabukuru y’amareresi uje kwugurura amarembo ya Afrika (...)

Umuhora mushasha w’amasabukuru y’amareresi uje kwugurura amarembo ya Afrika y’ubuseruko

mercredi 4 Ruheshi 2014

Abarongoye isabukuru ry’amareresi mu Burundi (FESTICAB) baherutse gutanguza ishirahamwe ry’amareresi n’abahinga bayo bo mu muryango w’ibihugu vyo muri Afrika y’Ubuseruko (Réseau des Festivals et des Professionnels de la Communauté Est Africaine). Ishirahamwe rije kwugurura imihora y’abategura n’abakina amareresi bo mu karere ka Afrika y’ubuseruko.

JPEG - 1.2 Mo
Ngabo Leonce ari kumwe na Nancy Irakoze umwunganizi wiwe ajejwe ivy’uburyo

Mu mwaka w’2011, igihe hahimbazwa ku ncuro ya 3 isabukuru y’amareresi mu Burundi, haciye havuka iciyumviro co gutanguza umuhora w’isabukuru ry’amareresi n’abahinga bayo bo mu bihugu bigize Afrika y’Ubuseruko (Réseau des Festivals et des Professionnels de la Communauté Est Africaine).

Ngabo Léonce arongoye Festicab ari nawe arongoye uwo muhora w’amasabukuru muri Afrika y’ubuseruko, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, yamenyesheje ko intumbero y’uwo muhora canke ishirahamwe ari gushikana amareresi yo mu Burundi ku rugero rumwe n’ayandi yo mu bihugu vyo mu muryango. Amenyesha kandi ko ari akaryo keza ko guhana ubumenyi ku bijanye n’amareresi. Ishirwaho ry’uwo muhora ni kwugurura amarembo y’amareresi n’abahinga bayo bo mu karere.

Urwaruka rw’Uburundi rufise ingabirano canke rwipfuza gukora uwo mwuga ruzoharonkera akarusho kuko ruzoshobora kubona uko abandi bakina, bazoronka n’uburyo bwo kwiga ibijanye n’amareresi. Ubumenyi buzotangwa n’abahinga mu mareresi, eka n’abahinga bo muri ivyo bihugu bazobona urugero rw’Abarundi mu bijanye n’amareresi.

Mu gihe kuri uwo wa gatanu, igenekerezo rya 13 Ruheshi, isabukuru ry’amareresi mu Burundi(FESTICAB) rizotunganya isabukuru ku ncuro ya 6, kazoba ari akaryo keza ko kwakira ku ncuro ya kabiri ibikorwa vy’umuhora canke ishirahamwe ry’isabukuru ry’amareresi n’abahinga bayo bo mu bihugu bigize Afrika y’Ubuseruko (Réseau des Festivals et des Professionnels de la Communauté Est Africaine "RFP-CEA"). Kuri iyo ncuro ya kabiri, uwo muhora uzotegura ivyigwa ku mareresi magufi (Court-métrages) ku rwaruka ruvuye mu bihugu 5 bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko.

Mwomenya ko icicaro c’umuhora w’amareresi n’abahinga bayo bo mu karere ka Afrika y’ubuseruko kizoguma mu Burundi, umurongozi wawo akaba ari Ngabo Léonce, ariko igihugu cose kikazogira abagiserukira.

JPEG - 1.1 Mo
Abamenyeshamukuru bitavye ikiganiro

Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.