IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > basketball > Umukinyi wa Les Copines yapfuye ari mu myimenyerezo

Umukinyi wa Les Copines yapfuye ari mu myimenyerezo

mercredi 25 Munyonyo 2015, par egide

Ndayisaba Gertrude‬ batazira ’’Gege’’, yakina mu murwi wa Les Copines w’abakobwa yitavye Imana ari mu myimenyerezo ku kibuga ca Toyota kiri ku Mutanga.

Mu gihe yari mu myimenyerezo na bagenzi we mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu, Ndayisaba Gertrude‬ batazira ’’Gege’’ yaguye hasi, bagiye kumuraba basanga yacikanye. Icatumye asezera isi ntikiramenyekana, abo bakinana bakiyumvira ko yoba ari umutima wahagaze giturumbuka (arrêt cardiaque).

JPEG - 36.1 ko
Ndayisaba Gertrude‬ batazira ’’Gege’’

Umurwi wa Berco Stars yariko arakinira ubuze umukinyi wawo mu gihe wariko witegurira inkino z’imigwi y’umupira w’amaboko yabaye iya mbere mu turere iherereyemwo, akarere ka gatanu kakaba koserukiwe n’umurwi wa Berco Stars watahukanye igikombe mw’ihiganwa ry’ako karere.

Ndayisaba Gertrude‬ na bagenzi we bari kwurira indege ibashikana muri Angola kuri uwu wa gatatu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.