Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umukuru w’igihugu ahembwa ayatari make ariko akenye cane
Umukuru w’igihugu ahembwa ayatari make ariko akenye cane
mardi 3 Ruhuhuma 2015
José Mujica umukuru w’igihugu ca Uruguay, niwe mukuru w’igihugu wa mbere akenye cane mu bakuru b’ibihugu bariko bararongora ibihugu muri iki gihe.

Yatowe mu mwaka w’2010, uwo mukuru w’igihugu akaba ahembwa amadolare y’Amerika ibihumbi 12, ni ukuvuga mu marundi n’imiriyoni zirenga gato mirongo ibiri. Ariko muri ayo ahembwa, José Mujica aca afata ica gatatu, akayaha abakene. José Mujica avuga ko kubaho mu biyagayaga canke kugendera mu bidasanzwe nk’ivyabandi bitamunezera. Ikimunezera kuruta ibindi, n’abana bato, urukundo akunda abandi, abagenzi biwe, n’ibindi nka 2 atavuga.
Uwo mukuru w’igihugu akaba agendera mu muduga usanzwe cane umwe, inyuma yiwe aherekezwa n’abantu babiri gusa, akavuga ko ataco yinona, atanabo yicura ko bomugirira nabi. Yibera muri quartier isanzwe n’abandi banyagihugu, kuko yanse kuja kuba ku kirimba cabayemwo abandi bakuru b’ico gihugu batwaye imbere yiwe.
Igihugu ca Uruguay rero kikaba gifise ibice bigera kuri 98 vy’abazi gusoma n’ukwandika. Ico gihugu kiri muri Amerika y’Epfo, abanyagihugu baho bakavuga ko banezerezwa n’uwo abarongoye aho bavuga ko ari imvyeyi baronse. Ikiringo ca José Mujica akaba ari kimwe gusa c’imyaka itanu nk’uko biri mw’ibwirizwa nshingiro ry’ico gihugu, kikaba kizorangirana n’uwu mwaka w’2015, mu kwezi kwa Ntwarante.






Aristide Nizigire
Messages
3 Ruhuhuma 2015, 13:23, par Rita NAHIMANA
ha numva yaratahuye ko munsi y’izuba vyose ari ubusa, canke vyose bishira umwanya, kandi aho wosanga atari numuntu azi imana cane, nayo abayiyitirira turabona ivyo bakora aha kwisi cést le chemin iwacu numwijuru none rero rondera inzira ija mwijuru.
3 Ruhuhuma 2015, 22:44, par Aaron
Vyombabaza cane numvise ko yoba atazi Imana guko ubwami bwijuru bwari ubwabantu nkabo kandi tuzi ko ari bakeya cane kuri iyi si. Aho hantu habiri atashatse kuvuga ashira ayandi mahera niho hateye amakenga. Kandi nta jambo ryitwa Imana numvise muvyo akunda si bien que ivyo ashira ahabona bimutwara amahera ari ibihimbara Imana.
4 Ruhuhuma 2015, 12:18, par Tubirabe
Aoron ico womenya n,uko kumenya IMANA sikuyivuga kumunwa nuko ukora ivyo igomba,mbe harukundi. Kuyivuga ariko akora ivyigomba.Ko dufise abayamiza mukanwa nimubona ayobadukorera?Ayaba muri afrika tworonse nka 10 nkabo twarikuzotera imbere.Muga aha muri africa abazungu baca bamwica bifashishije abanyafrika,akarorero. Thomas Sankala,Mohammar Gaddafi.The whitemen brained our leaders.
4 Ruhuhuma 2015, 21:20, par Ntahombaye
Mbe Aaron ubure kubabazwa nabiyita ngo.barayizi,ariko abo batwara ,bakicwa,basahurwa,bapfungwa ,ubukene ntangere ningwara,batagira smatara canke amazi meza,ariko.uwubarongoye yirirwa arihs amenyo.yabatwenzi ngo Mana Mana uwo niwo.aguhimbara??
29 Mukakaro 2016, 12:20, par APPOLINAIRE
MURI AFRIKA HOBAYO ABANTU NKABO TWOKOGORORA
10 Myandagaro 2018, 08:57, par Ndayizeye Gerard
Uyomukuru Wigihugundamushimiy Gose iyonyifato Afise Ntawundi Munt Wumukuruwigihugu Numwe Yogira Nkivyo. Ubonkuwu Burundi,ungwanda,nakongo Iharanira Itwaro Rusang Bobobishika.Umukuruwigihugu Camorugwany Imana Imufashe Yonger Imuhezagir Mubuzima Mbwiwebwose.