Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu ca Bénin yari yitezwe i Bujumbura ntiyabaye (...)
Umukuru w’igihugu ca Bénin yari yitezwe i Bujumbura ntiyabaye agishika
lundi 7 Kigarama 2015, par
Boni Yayi, umukuru w’igihugu va Bénin yari yitezwe i Bujumbura kuri uwu wa mbere, akaba yari aje kubonana na mugenzi we w’Uburundi, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA,ariko urugendo rwiwe rukaba rwahavuye rusiba.
Vyari bitegekanijwe ko Boni Yayi na Petero NKURUNZIZA baganire ku vyokorwa kugira ibibazo vya poritike biri mu Burundi bitorerwe inyishu, akaba urwo rugendo yari yarusabwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika.
- Boni Yayi, umukuru w’igihugu ca Bénin
Ibihugu bitandukanye bibandanya gusaba ko hotunganwa ibiganiro bidakumira, bihuza abegwa bose n’ibibazo vyo mu Burundi, ivyo biganiro bigatunganirizwa hanze y’Uburundi, birongowe n’umukuru w’igihugu Yoweri Museveni.
Reta y’Uburundi siko ibibona
Musenyeri Justin NZOYISABA, umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kane, yamenyesheje ko naho amakungu yasavye ko ibiganiro vyobera hanze y’igihugu, uwo murwi uzobitegurira mu Burundi, birabe abarundi bose, abari mu gihugu. Abari hanze muri uwo murwi bakazobasanga iyo bari.
Ku bijanye n’urwego CNARED ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi, uwurongoye umurwi CNDI amenyesha ko abarundi bazokwitaba ivyo biganiro ku gatwe kabo, n’abari muri CNARED bakazoshobora kwumvirizwa batari mu runani, kandi abazokwumvirizwa akaba ari abadakurikiranwa n’ubutungane bw’Uburundi.
IGIHE
Messages
7 Kigarama 2015, 08:02, par maso
naze apfe kuruta.
7 Kigarama 2015, 08:29, par LCB
Yesu kristo yabwiye Abafarisayo mukibazo ati mbega umuntu akomeye arakenera umuvuzi? vyasigura yuko yakuwe mwijuru noguhindura abanyavyaha none rero nabo Banyabicumuro muze mubaganirize kumbure bohinduka ntakinanira IMANA YEESU ashimwe
7 Kigarama 2015, 08:42, par Muhanuzi Félix
Mana fasha uburundi n,abarundi
7 Kigarama 2015, 08:44, par Muhanuzi Félix
Mana fasha uburundi n,abarundi
7 Kigarama 2015, 09:00, par Olivier alias Doctor
Haaaa!ivyubu biragoye,uyonyakwubahwa azakumubona gt Nkurunziza ko presdt Kagame yavuze ngo n’umu sans adress?
7 Kigarama 2015, 09:23, par bwacu
justin nzoyisaba ni mumureke umunsi uwe yiswhe na cndd fdd nkuko iriko yicya nabadni bose ntazongera kudedemba ivyo adedemba naho uwo mu perzida naze tuzomwakira na kera barayamaze ngo Intumwa irebwa nabi ntikubitwa
7 Kigarama 2015, 09:44, par JEAN
NIBAHANURE NTITUGUME MUNTAMBARA.
7 Kigarama 2015, 10:05, par NJIYOBIRI
VYIZA UWO MUSHITSI YOZA AZANYE IBIHARAGE NUMUCERI NKABASHINWA KUKO TURASHONJE IGITEGA.
7 Kigarama 2015, 10:18, par ndabirabe
murahumba muzovyemera erega uwutigaba ntiyigaburira ntimwibukako mwabasavye agatik kokugendamubiganiro? kandimudasiba kwihagararako ngomuri abagabo ! karyakazobasuzuguza gushikamwemeye < icowanka mukabana numufutu >
7 Kigarama 2015, 15:51, par None?
Oyantamakungu yokwubahuka gushigikira umuntu yaturiye abantu babona ngobaje nibiganiro batabanje guca imbere yubutungane!. Cokimwe nabakoze ikintu cataye igihe ngoni kudeta nabandi, injavyi mwenizo mugihe bozikinatisha ngonuko arivyabereye Burundi , muzocemwitega nkomugihe cimyaka itarenga 10 kw’Isi hazobahamaze kurenga ibihugu 10 bikorerwamwo amabinkayo ngokuko numvise harigihugu citwa uburundi abakoze ibintunkivyo baciye bashigikirwa namakungu.
7 Kigarama 2015, 16:00, par N.Onesmo
ABARUNDI BAKWIYE KUMENYA IHANGA RYABO,KUKO ATAHOVYABONETSE,IGIHUGU KIGURISHWA,MWIKOLONI RYI BUBIGI.NONE ABATUTSI MWITEGUYE NEZA KONYANGOMA,ATWARA? ATARUKUMUBESHA.NKABIZIMUNGU RWD.IMANA IBAGIRE INAMA NZIZA.
7 Kigarama 2015, 17:02, par Egide
emwe.nzobabona.noe.uwumukuru.wigihugu.azeguta.umwanyawiwe.nibihanure.bamwumvir.abobdd
7 Kigarama 2015, 17:16, par nd jérémie
turashima akigoro amakungu agira kugira amahoro aboneke kandi imigumuko yatanguye ihere.ariko bibukeko uruhara runini arugwabarundi bo benigihugu
7 Kigarama 2015, 17:25, par Hitimana François
None ivyo biganiro,bizohava biva-mwo icokiza abarundi? Mbega hoho nikuki reta yanka ko ibiganiro bibera hanze?Har-ico batinya none?
7 Kigarama 2015, 17:36, par Tuze
Votre visite est-elle pour reconnaitre Nkurunziza ou demander son depart? Nous avons besoin d’une seule et unique courte réponse. Et nous saurons la suite des évenements.
7 Kigarama 2015, 18:00, par JOSEPH
MBEGA.UBUKOBAVUGAKO.HAZOKWITABA.IBIGANIRO.ABADAKUKIRIKINWA. PETERONKURUNZIZA.NIWE.ADAFISE.IBIMWAGIRA.BURYA.ARIWE.ARI.IKWEZIYAVYOSE
7 Kigarama 2015, 18:34, par Twarikukiye
Tumuhaye Kaze!Ariko Mubimuzanye Amenye Ko Yubahiriza Ubwigenge Bw’ababarundi,ukwikukira!Ahubwo Adufashe Abashatse Gutembagaza Ubutegetsi Bafatwe Bashengezwe!Ok
7 Kigarama 2015, 21:02, par COBARYA
COBARYA
7 Kigarama 2015, 21:33, par BJMA
Icatumye asiba muzi kwariki? Bja barahubaha sha,numusazi aratinya nyina. Ndazi kwazoca amukwepa, ariko ninoma,ntawusigaye yomusenderako bari mu bubiligi nkabose aba connaisseurs ba nyamitwe! INKONA NTIYARUZWA KIZIRE!
7 Kigarama 2015, 21:56, par issa
ntawo niyumvamwo aragomba areke kuza
8 Kigarama 2015, 16:05, par JUMA
nkurunzizaasigayeatinyaabapresidentnkawe
8 Kigarama 2015, 18:25, par mukwe
tumuhaye ikaze Boni Yaye. nagira nvunire akagohe reta yuburundi ayo namahirwe yanyuma!! nayo ibiganiro sibo bokwitorera aho vyobera kuko ntawicira urubanza. kandi ntawimena ikivyimba.
8 Kigarama 2015, 19:26, par mukwe
tumuhaye ikaze Boni Yaye. nagira nvunire akagohe reta yuburundi ayo namahirwe yanyuma!! nayo ibiganiro sibo bokwitorera aho vyobera kuko ntawicira urubanza. kandi ntawimena ikivyimba.
8 Kigarama 2015, 21:19, par peres Niyo
iman’ishimwe kwatangorane yahagiriye.
8 Kigarama 2015, 21:32, par peres Niyo
iman’ishimwe kwatangorane yahagiriye.
16 Kigarama 2015, 16:28, par NDIKUMANA
NIBAREKE KWITWAZA IBI NABIRIYA KUKO IVYABO TWARABIRANGANYE KUKO INTWARO ZABO BAFADIKANIJE NABO BABIRIGI ABARUNDI BUMUTIMA TUTOPFA TWIBAGIYEKO INTWARO ZABO ZARI IZO KUMARA ABANTU BADASANGIYE UBWOKO ABORERO NABO KURWANYWA?