Umukuru w’igihugu wa Brezil yakuwe ku butegetsi

Yanditswe na
Kuya 31 août 2016 saa 10:38
Yasomwe : 32922
0 0

Uwahora atwara igihugu ca Bresil, Dilma Rousseff, yakuwe mu mabanga y’umukuru w’igihugu. Inama nkenguzamateka niyo yafashe ingingo y’ukumukura, akaba yagiriwe n’icaha co kunyegeza uko ikigega c’igihugu cifashe. Abakenguzamateka 61 nibo bashigikiye ko akurwa, abandi 20 barabihakana.
Uwuri mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu kiringo mfatakibanza ni Michel Temer, akaba ariwe azoheza akamarira ikiringo Dilma Rousseff yari yatorewe, kizohera kw’igenekerezo rya 01 Nzero 2019.
N’aho yatakaje ikibanza (...)

JPEG - 101.6 ko
Dilma Rousseff yagiriwe n’icaha co kunyegeza uko ikigega c’igihugu cifashe

N’aho yatakaje ikibanza c’umukuru w’igihugu, BBC ivuga ko Dilma Rousseff asa n’uwatsinze urubanza rwo kuri uwu wa gatatu, kuko ingingo yo kumubuza gukora poritike mu kiringo c’imyaka umunani itashoboye gutorwa, akaba nawe yabwiye abamushigikiye ko atari : "Agasaga", ahubwo akaba yavuze ati : "Tuzoba dusubira".

Dilma Rousseff yamenyesheje kandi ko abamukuye bagirije icaha umwere, kandi ko bakoze ihirikwa ry’ubutegetsi ryatunganijwe n’inama nshingamateka.

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha