IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umurongozi mukuru mw’idini rya Islam muri Bangladesh yamanitswe

Umurongozi mukuru mw’idini rya Islam muri Bangladesh yamanitswe

lundi 5 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Umurongozi mukuru mw’idini rya Isilamu azwi kw’izina rya Mir Quasem Ali, yamanitswe aricwa ku munsi wa gatandatu, mu gasho kari hafi ya Dacca, ku mugwa mukuru w’igihugu ca Bangladesh.

Ali, yari afise imyaka 63, akaba yahowe ivyaha vyo mu ntambara yakoze mu mwaka w’1971, intambara yari yatumye Pakistan yiyonkora kuri Bangladesh.

JPEG - 18.5 ko
Mir Quasem Ali w’imyaka 63 yamanitswe aricwa

VOA ivuga ko mu vyaha Ali yaregwa harimwo kuba yarapfunze umuhungu w’umuyabaga, amuhohoterera ubuzima, yongera amwicira mu gasho yarapfungiwemwo, igihe hari intureka mu gihugu ca Bangladesh, intureka zivugwa ko zahitanye abantu bashika ku miriyoni zitatu.

Igihugu ca Bangladesh kimaze iminsi kibangamiwe n’ubwicanyi, ubuheruka bukaba bwakozwe n’abantu bitwaje ibigwanisho, bateye uburiro buri mu gisagara gisanzwe kibamwo ahanini abaserukira ibihugu vyabo aho muri Bangladesh. Ico igitero cahitanye abantu bagera kuri 20, abenshi muri abo bakaba bari abanyamahanga.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.