IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umugwi > BBR > Umurwi BBR warigishije ibicurarangisho abana bo mw’ibarabara

Umurwi BBR warigishije ibicurarangisho abana bo mw’ibarabara

mercredi 19 Ntwarante 2014

Umurwi w’abaririmvyi b’umudiho wa Raggae bo mu ntara ya Gitega, watanze inyigisho ku bicurarangisho vy’umuziki, ku bana baba mw’ibarabara. Hari mu ntumbero yo kubaronsa amahirwe yo kuvamwo abaririmvyi. Hamwe n’ivyo, bariko bategura igiteramo co ku munsi wa Pasika bongera kandi bitegurira umunsi mukuru wo kwibuka umwami w’umudiho wa Raggae Bob Marley.

Benshi Bagona Rimwe (BBR) muri make, n’umurwi uzwi mu gutanga ubutumwa buri mu ndirimbo z’umudiho wa Raggae wo mu ntara ya Gitega. Uwo murwi wihaye intumbero yogufasha abana baba mu ma barabara yo muri iyo ntara.

Zalingo umwe mu bagize umurwi yaganiriye n’ikinyamakuru IGIHE, avugako intumbero y’ico gikorwa yari iyo kubaronsa ubumenyi bw’ibicurarangisho, kuko hatobura bamwe muri bo bashobora kuvamwo abaririmvyi. Zalingo ati:"turazi bamwe mu baririmvyi bahoze mw’ibarabara ariko ubu bafise aho bigejeje kubera umuziki". Aho atanga akarorero k’umuririmvyi Baudeni.

Abandanya avugako iyindi ntumbero yari iyo kwegeranya abo bana kugira bahabwe n’impanuro, kandi n’umugiraneza yoshaka kubafasha agire aho abasanga. Abo bana bariko bahabwa izo nyigisho bangana 37, inyigisho zamaze indwi 2.

Iruhande y’ivyo, umurwi BBR uriko utegura igiteramo kizoba ku munsi wa Pasika mu kigo c’urwaruka kiri i Gitega (Centre Jeunes de Gitega). Inyuma yaho, kw’igenekerezo rya 11 Rusama, umunsi aba Rasta bibuka umwami w’umudiho wa Raggae Bob Marley, umurwi wa BBR bazokora igiteramo aha bazotumira n’abandi ba Rasta bataramenyekana neza.

Kuri uwo munsi, indirimbo nshasha z’uwo murwi zakorewe mu nzu ihinyanyura amajwi n’amasanamu Nice Production iri i Gitega zizovuzwa ivy’umwihariko.


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.