Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi nserukiragihugu mu mupira w’amaboko wasivye inkino - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > basketball > Umurwi nserukiragihugu mu mupira w’amaboko wasivye inkino

Umurwi nserukiragihugu mu mupira w’amaboko wasivye inkino

mardi 23 Nyakanga 2014

Umurwi nserukiragihugu mu mupira w’amaboko ( Basketball) ntiwashoboye kwitaba inkino zo mu karere ka gatanu (zone 5). Impamvu yo kutitaba ayo mahiganwa ni kubura uburyo

Umurwi nserukiragihugu mu mupira w’amaboko wari umaze ikiringo kingana ukwezi uri mu myiteguro y’inkino zo mu karere ka gatanu (zone 5). Inyuma y’iyo myiteguro, hageze ko bagenda, baronse inkuru mbi ivuye mu bushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imico kama avuga ko amahera yo kubarungika yabuze, ko ata kundi urugendo rusivye. Ni umubabaro mwinshi ku barongozi b’umurwi n’abakinyi. Bavuga ko ari akamaramaza aho igihugu kironka amahigwe nk’ayo yo guseruka mu makungu, ariko hakabura uburyo. Basaba ubushikiranganji ko bwokwama butegekanya amahera y’amahiganwa nk’ayo.

Izo nkino zatanguye kuri uwo w’Imana uheze w’igenekerezo rya 21 Nyakanga mu gihugu c’Ubuganda. Ibihugu vyitavye ayo mahiganwa ni Urwanda, Kenya, Etiyopiya, Sudani y’Epfo, Egiputa, Somaliya n’Ubuganda bwakiriye izo nkino.

Mwomenya ko ubuheruka umurwi w’Urunani wahatswe gusiba amahiganwa yo mu karere ka gatanu (zone 5) y’imirwi yabaye iya mbere iwabo iyo hataboneka uburyo butanzwe n’umukuru w’igihugu. Uwo murwi ni nawo waciye utera iteka igihugu mu gutwara igikombe co muri ako karere. Bivugwa ko kubera iyo ntsinzi y’umurwi w’Urunani, umurwi nserukiragihugu w’Uburundi wari witezweko ibitangaza muri iryo higanwa utashoboye kwitaba.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.