Accueil > Inkino > basketball > Umurwi nserukiragihugu mu mupira w’amaboko wasivye inkino
Umurwi nserukiragihugu mu mupira w’amaboko wasivye inkino
mardi 23 Nyakanga 2014
Umurwi nserukiragihugu mu mupira w’amaboko ( Basketball) ntiwashoboye kwitaba inkino zo mu karere ka gatanu (zone 5). Impamvu yo kutitaba ayo mahiganwa ni kubura uburyo

Umurwi nserukiragihugu mu mupira w’amaboko wari umaze ikiringo kingana ukwezi uri mu myiteguro y’inkino zo mu karere ka gatanu (zone 5). Inyuma y’iyo myiteguro, hageze ko bagenda, baronse inkuru mbi ivuye mu bushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imico kama avuga ko amahera yo kubarungika yabuze, ko ata kundi urugendo rusivye. Ni umubabaro mwinshi ku barongozi b’umurwi n’abakinyi. Bavuga ko ari akamaramaza aho igihugu kironka amahigwe nk’ayo yo guseruka mu makungu, ariko hakabura uburyo. Basaba ubushikiranganji ko bwokwama butegekanya amahera y’amahiganwa nk’ayo.
Izo nkino zatanguye kuri uwo w’Imana uheze w’igenekerezo rya 21 Nyakanga mu gihugu c’Ubuganda. Ibihugu vyitavye ayo mahiganwa ni Urwanda, Kenya, Etiyopiya, Sudani y’Epfo, Egiputa, Somaliya n’Ubuganda bwakiriye izo nkino.
Mwomenya ko ubuheruka umurwi w’Urunani wahatswe gusiba amahiganwa yo mu karere ka gatanu (zone 5) y’imirwi yabaye iya mbere iwabo iyo hataboneka uburyo butanzwe n’umukuru w’igihugu. Uwo murwi ni nawo waciye utera iteka igihugu mu gutwara igikombe co muri ako karere. Bivugwa ko kubera iyo ntsinzi y’umurwi w’Urunani, umurwi nserukiragihugu w’Uburundi wari witezweko ibitangaza muri iryo higanwa utashoboye kwitaba.
Cherif Nkeshimana
Messages
23 Nyakanga 2014, 12:36, par sivyubu
none aboba dd baguma biba wumva wogenda gute amahera menshi bayashira mubitagirakamaro vyogutatanyimigambwe nokwica.akarimbere karahinda.
23 Nyakanga 2014, 13:20, par truth
Je sintahura ibiba mu Burundi.Umurwi umwe userukira igihugu urashobora kubura uburyo bwo gusohoa guserukira igihugu.Birateye isoni!! umushikiranganji Rukenkanya twari tumwizeye none nawe atanguye ukwo natange imihoho yigire kuko azohava asanga hari abamukoresha nabi
23 Nyakanga 2014, 18:54, par Kamana
Non, non, non, non, non, ngo babuze uburyo? Hama ngo OBR yinjije imiriyaridi zingahe ntubaze...
24 Nyakanga 2014, 09:01, par nkurunziza
Akataraza karimunyuma iyonintango iyo ikigega kimaze kutegwa nimbeba ntagisigamwo.
24 Nyakanga 2014, 09:01, par nkurunziza
Akataraza karimunyuma iyonintango iyo ikigega kimaze kutegwa nimbeba ntagisigamwo.