Accueil > Kwidagadura > Umugwi > Question G > Umurwi Question-G wabiciye biracika muri Amount mu Rumonge
Umurwi Question-G wabiciye biracika muri Amount mu Rumonge
dimanche 8 Ruheshi 2014
Abaririmvyi bagize umurwi wa Question-G barabiciye biracika mu gisagara ca Rumonge. igiteramo camaze amasaha arenga 2 carangiye mu mutekano ntangere. Ntibatamvye birorera kuko hari abaririmvyi bo mu Rumonge babafashe mu mugongo.

Kuva igihe c’isaha zitanu n’inusu z’ijoro (23h30) kw’igenekerezo rya 07 Ruheshi, aho batazira kwa Mwami (Hotel Amount), mu gisagara ca Rumonge, umurwi Question-G wo mu gisagara ca Bujumbura wariko uteramisha abantu isinzi bari bitavye ibirori. Amakuru duhabwa na Josdy Prince, umwe mu bagize Question-G, avuga ati :"Ntitwatamvye twirorera". Abaririmvyi Thomson na Momo baho mu Rumonge bari baje kubashigikira.
Igiteramo carihishwa amahera 2000 y’amarundi, ayo nayo akaba atabujije ko abantu isinzi bitaba ico giteramo. Ayo makuru nyene atubwira ko igiteramo carangiye igihe c’isaha umunani z’ijoro).
Aho habereye ico giteramo tumenyereye kuhumva mu biteramo vy’abaririmvyi benshi nka Mkombozi, T-Max na Lolilo. Tumubajije igituma bahakunda, Josdy yishuye ko ico kibanza gisanzwe gikunzwe n’abantu benshi kuruta ibindi.
Amashusho yerekana uko ibirori vyagenze tuzoyabereka hanyuma, kuko umurwi Question-G wagiye kuruhuka.
Cherif Nkeshimana