IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > basketball > Umurwi w’Urunani umaze iminsi utorohereza New Star

Umurwi w’Urunani umaze iminsi utorohereza New Star

lundi 17 Ntwarante 2014

Mu nkino z’umupira w’amaboko "Basketball" zahuje umurwi w’Urunani na New Star ku bagabo, zarerekanye ubudasa buriko buribonekeza hagati y’iyo mirwi isanzwe ifatwa nk’abakeba. Eka n’imirwi y’abageme muri urwo rukino nyene yaratanye mu mitwe. Muri izo nkino, intsinzi yatahukanye Les Gazelles mu bakobwa, hamwe n’umurwi w’Urunani ku ruhande rw’abagabo.

Mu nkino z’umupira w’amaboko "Basketball" zariko zihuza imirwi ya New Star n’umurwi w’Urunani zisigaje urukino rumwe gusa kugira bimwe bita "Play-off"bihere. ikimaze kwibonekeza n’uko umurwi w’Urunani uguma wereka ubudasa umurwi ufatwa nka mukeba wawo ariwo New Star. Ivyo bisigurwa n’inkino zibiri za "Play-off" zimaze kuba, aho uwo murwi wa New Star ata na rimwe uratsinda Urunani. Si ugutsinda gusa, uwo murwi utsindwa ku budasa bw’amanota menshi, ibintu bitari bimenyerewe.

Mu rukino rwahuje iyo mirwi kw’igenekerezo rya 15 Ntwarante ku kibuga ca "Toyota", umurwi w’Urunani watsinze New Star amanota 76 kuri 60. Ubudasa bw’amanota 16. Mu gihe hasigaye urukino rumwe, New Star nta mahigwe menshi ifise yo gutsinda.
Igihe hariko hakina iyo mirwi duhejeje kuvuga ku ruhande rw’abagabo, imirwi y’abigeme ya Les Gazelles na Les Copines yaratanye mu mitwe. Muri iryo higanwa, umurwi wa Les Gazelles warirahiye Les Copines ku manota 41 kuri 30.


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.